Umukuru w'akanama kajejwe amatora muri Gambia yahunze

Alieu Momar Njai ni we yamenyesheje ko Yahya Jammeh yatsinzwe mu matora y'umukuru w'igihugu Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Alieu Momar Njai ni we yamenyesheje ko Yahya Jammeh yatsinzwe mu matora y'umukuru w'igihugu

Umukuru w'akanama kajejwe gutegura amatora muri Gambia Alieu Momar yahunze, nk'uko umuryango wiwe wabibwiye BBC.

Alieu Momar Njai yamenyesheje y'uko prezida Yahya Jammeh yatsinzwe mu matora y'umukuru w'igihugu mu kwezi guheze, yahunze igihugu , nk'uko umuhungu wiwe Momodou yabibwiye BBC.

Mu ntango, prezida Jammeh yaremeye ko yatsinzwe, ariko mu nyuma yarisubiyeko ubu akaba adashaka kuva ku butegetsi.

Abajejwe umutekano barigaruriye inzu akanama kajejwe gutegura amatora gakoreramwo inyuma gato yo guhakana ivyayavuyemwo.

Yandika kuri facebook ku musi wa kabiri ku mugoroba, Momodou Alieu Njai yavuze ko se wiwe ameze neza, ashimira n'ababaterereye igisabisho.

Prezida Jammeh , amaze ku butegetsi imyaka 22 yagira asubirigwe n'uwukora akazi ko kwubaka Adama Barrow , yatsinze amatora yo kw'itariki ya mbere ukwezi kwa cumi na kabiri ku majwi arenga 45%.

Amradio yigenga yapfunzwe kuva ku musi wa mungu, nk'ikimenyetso ca mbere co kuyatuza kuva prezida atsinzwe mu matora.

Utwigoro tw'amakungu two kugondoza Jammeh ngo ave ku butegetsi nta co twashitseko.

Ishirahamwe ry'ibihugu vyo mu burengero bwa Afrika, ECOWAS, ryari muri ico gikorwa ryaragabishije Jammeh ko rishobora kumufatira ibihano mu gihe atokwemera kuva ku butegetsi.