Uwahoze akorera CIA yahase ibibazo Sadam Hussein

John Nixon Uwufise ububasha kw’isanamu Ralph Alswang
Image caption John Nixon yabaye umuntu wa mbere yahase ibibazo Sadam Hussein inyuma y'ifatwa ryiwe.

Igihe uwahoze ari prezida wa Irak Sadam Hussein yafatwa mu kwezi kwa cumi na kabiri mu 2003, CIA yari ikeneye umuhinga ashobora kuraba ko ari we akwongera akamuhata ibibazo. Uwo muntu yari John Nixon.

Nixon yatanguye kwiga Sadam Hussein kuva atanguye gukora muri CIA mu 1998.

Akazi kiwe kari ako kwiga inyifato y'abategetsi bo kw'isi yose, mu kuraba "icabakoze ku mushaha," uko niko yavuze mu kiganiro c Victoria Derbyshire kuri BBC.

"Mu gihe hateye intambara, abajejwe politike baca batubaza abo bantu abo ari bo, ico bakeneye, impamvu bariko barakora ivyo."

Yari muri Irak igihe ingabo za Amerika zanyegurura uwo muprezidamu mwobo mutoyi uri iruhande y'inzu z'uburimyi mu gisagara yavukiyemwo ca Tikrit.

Igihe inkuru zasamirana ko Sadam Hussein yafashwe, Amerika yari ikeneye kumenya ko ari we bwite - akazi kaciye gahabwa Nixon.

Hari iihuha vyinshi ko Sadam Hussein yihinduye, ariko Nixon - yari yavuye muri CIA mu 2011 - avuga ko "Nta nkeka nagize nkimubona, yari we".

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Ikinogo Sadam Hussein yari yinyegejemwo igihe yafatwa

"Igihe natangura kumuvugisha, naciye mbona ko asa nk'uko namubona mu gitabo cari ku meza nakorerako imyaka n'iyindi. Nta kintu kidasanzwe nabonye."

Nixon yakoze akazi ko kumuhata ibiazo kandi yabaye umuntu wa mbere yabajije ibibazo Sadam Hussein umwanya muremure, akaba yabikoze imisi myinshi.

"Nategerezwa kuguma nicungera kuko nariko ndahata ibibazo umuntu wa mbere yaronderwa kw'isi. Vyasa n'ibiteye isoni," ni ko yavuze.

Nixon, umwanditsi w'igitabo ca "Debriefing the President: The interrogation od Saddam Hussein", avuga ko uwo yahoze ari umukuru w'igihugu nk'umuntu " w'ibihushane vyinshi".

Yarabonye "uruhande rw'ubuntu" rwa Sadam Hussein, biteye kubiri n'uko yavugwa mu binyamakuru vyo muri Amerika.

"N'umwe mu bantu b'igitangaza ntari bwabone na rimwe. Ashatse yashobora kuba umuntu mwiza, atwenza kandi yubaha."

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Saddam Hussein inyuma y'ifatwa ryiwe

Ariko yashobora kandi kuja mu mwiza.

Nixon avuga ko yashobora gukara, kwiyemera no kwerekana ububisha bwiwe - kandi ateye ubwoba mu gihe agize ishavu rirengeje.

"Vyarashitse incuro zibiri canke zitatu aho ibiazo vyanje bituma ashavura cane," ni ko Nixon avuga.

Hussein yari yicaye atekanye mu kumba katabona gatoyi ku ntebe ishobora kuzingwa, aho yariko arabazwa.

Nixon ubwiwe, asanzwe akoresha icuma gipima ububeshi bw'umuntu akongera agahindura indimi yari muri ico cumba.

Ariko ivyari vyo vyose, Nixon avuga ko uwo yahoze ari umukuru w'igihugu - nk'umuntu yiyemera- "yakunda ingene twishurana ariko aramvugisha".

Mu mpera z'ikiganiro ca mbere, aho Nixn yagerageza kurondera kuvugana neza na Sadam kugira yemere kuvuga ata ngorane, Sadam yavuze ko yanezerejwe n'ico kiganiro.

"Yari amaze amezi menshi yinyegeje kandi nta bantu benshi bavugana," ni ko Nixon yavuga.

Yabaye intango nziza, ariko umusi ukurikira, Nixon avuga koSadam Hussein "yarerekanye ko ata cizere amufitiye".

"Ni umwe mu bantu bagumana amakenga ntari bwigere mpura na bo - ku kibazo cose namubaza, yari afise ikindi nanje ambaza,"

Nixon yemeza ko CIA ata kintu yari ifise yari kwemerera Hussein mu ntumbero yo gutuma avuga ata co yibanga.

"Twategerezwa kurondera muri kahise no muvyo twibuka kuri we kandi tugakoresha amajambo afise inguvu."

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Mu 2006, Sadam Hussein yaciriwe urubanza rwo kwicwa amanitswe yagirijwe ivyaha bikorerwa ikiremwa muntu.

Hari ibintu bimwe bimwe vyategerezwa kuronderwa na CIA, atari uko ntibironke inyishu.

"Nari nzi ko ntegerezwa kugerageza kuronka inyishu.

"Ukorera urwego rw'iperereza barakwigisha ingene urondera isoko y'ikintu ugatuma ukironkera inyishu.

"Ariko utegerezwa kuhagabira kuko ushobora gutuma udashobora kuronka inyishu ishoboka mu gusimbira ku kintu mu nzira itari yo."

Ikintu gikomeye cari ibigwanisho vy'ubumara (WMDs).

Amerika n'Ubwongereza bwishimikje ivyo bigwanisho mu gutera Irak.

Nixon avuga "Ni co conyene ibiro vy'umukuru w'igihugu vyashaka kumenya", ariko - uravyer ibiganiro bagiriraniye na Sadam, abahanuzi biwe hamwe n'ubushakashatsi bwo guhinyuza canke bwo kubeshuza ivyo avuga - yanzuye avuga ko uwahoze ari prezida wa Irak yahagaritse umugambi w'ibigwanisho vy'ubumara imyaka myinshi imbere kandi ko ata n'umugambi yari afise wo gusubira kubikora.

Ico ni co catumye abaonwa, we n'abo bakorana nk'abantu bananiwe kugira ico bashikako.

Ntiyigeze ahamagarwa guha icegeranyo prezida George W Bush gushika haheze imyaka itanu mu 2008, bivuye kuvyo FBI yari yamenye kuri Sadam Hussein.

Nixon aranebagura cane prezida Bush avuga ko - nk'umwe mu bantu bake bahanye amaboko na we hamwe na Sadam Hussein - yoshima kumarana

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images

Nixon yavuze ko Prezida Bush, "yipfungiranye yanka kubona ukuri", hamwe n'abahanuzi bamushigikiye baguma gusa bemera iryo avuze mu kuzunguza umutwe".

"Nahora niyumvira ivyo twavuga muri CIA kandi prezida yari kwumva, ariko nta co bivuze ivyo twashikiriza, politike yagiye hejuru y'ubwenge."

Nixon avuga ko "biteye isoni" ivyabaye muri Irak kuva Sadam Hussein avanywe ku butegetsi.

Yavuze ko ubutegetsi bwa Bush butigeze bwiyumvira ivyoshika mu gihe bazoba birukanye ku butegetsi Sadam, kandi uravye uko uwkoyongera kw'imigwi y'iterabwoba nka Islamic State- benshi biyumvira ko akarere kaba kameze neza gusumba iyo yaba akiri ku butegetsi.

Ivyo ariko vyariyamirijwe n'uwahoze ari umushikirangani wa mbere w'Ubwongerezaa Tony Blair, yatwaye ico gihugu igihe Amerika na Ubwongereza batera Irak.