Umugaba w'ingabo muri Gambia ashigikiye Jammeh

Gen Badjie avuze ivyo mu gihe ibihugu bibanyi bimenyesha ko bishobora gufatira Gmabi ingingo za gisirikare. Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Gen Badjie avuze ivyo mu gihe ibihugu bibanyi bimenyesha ko bishobora gufatira Gmabi ingingo za gisirikare.

Umugaba w'ingabo muei Gamiba yashigikiye yivuye inyuma umukuru w'ico gihugu Yhya Jammeh, mu gihe hari icuka kibi muri politike.

Jammeh yatsinzwe giturumbuka mu matora y'umukuru w'igihugu yo mu kwezi guheze na Adama Barrow.

Mu ntango yaremeye ko yarushijwe, ariko mu nyuma arisubirako, avuga ko amatora yabayemwo utunenge.

Mw'ikete yanditse mu kinyamakuru gishigikiye reta, Gen Ousman Badjie yavuze ko "igisirikare ca Gambia kiyoboka kandi gishigikiye civuye inyuma prezida Jammeh.

Ivyo Gen Badjie avuze bije bikurikira ivyo ishirahamwe ECOWAS ryaheruka kumenyesha ko mu gihe Jammeh atova ku butegetsi itariki 19 z'ukwezi kwa mbere, hazoca hakoreshwa inguvu.

Prezida Jammeh yavuze ko ivyo bibaye bizofatwa nko gusomborptsa intambara.

Abashigikiye Barrow mu misi iheze bari bavuze ko bashigikiwe na Gen Badjie.

Kuba igisirikare kiri inyuma ya Jammeh bibonwa nk'ingorane yo gutunganya neza ikiringo c'ihererekanya ry'ubutegetsi inyuma y'imyaka 22 uwo mukuru w'igihugu amaze ku butegetsi.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters/AFP
Image caption Yahya Jammeh, mu buryo, Adama Barrow, mu bubamfu

Kuva ako gahugu gato ko mu burengero bwa Afrika karonse intahe yo kwikukira mu 1965, ntiharahererekanywa ubutegetsi mu mahoro.

Amatati kuvyavuye mu matora yatumye haba icuka kibi mu karere, mu gihe ibihugu bibanyi n'ivya rutura biguma bihamagarira prezida Jammeh kuva ku butegetsi.