Akaruhuko k'umusi umwe kubari mu butinyanka kakweze impari muri Zambia

Ndekela Mazimba kuri uwo musi w'akaruhuko guhangana n'ububabare bw'ubutinyanka
Image caption Ndekela Mazimba kuri uwo musi w'akaruhuko guhangana n'ububabare bw'ubutinyanka

Kuvugira ku mugaragaro ivyerekeye ubutinyanka birabujijwe mu mico n'imigenzo vy'abantu bo mu gihugu ca Zambia.

Ni yo mpamvu hariho amategeko agenga abakozi aha uburenganzira abapfasoni bari mu butinyanka gufata umusi umwe wo kuruhuka uzwi kw'izina rya 'Mothers day', kandi iryo tegeko riraba abapfasoni bose, baba abafise abana n'abatabafise.

Iryo tegeko ntirifise ibindi ubanza gukurikiza, abapfasoni bashobora gufata uwo musi babishatse bo nyene, kandi si ngombwa ko babanza kwerekana ikivyemeza co kwa muganga, ivyo rero bigatuma bamwe bibaza ibibazo kuri iryo tegeko.

"Nibaza ko ari ingingo nziza kubera abapfasoni baramererwa nabi mu gihe bari mu butinyanka", ni ko Ndekela Mazimba, akora akazi mu guhanahana amakuru mu biro vya reta yavuze.

Mazimba ntarubaka urwiwe kandi nta n'umwana afise ariko arafata umusi wiwe wa Mothers day buri kwezi kubera ububabare agira iyo agiye mu butinyanka.

"Ku musi wa mbere w'ubutinyanka urashobora kubabara cane mu nda. Urashobora kugura umuti w'ububabare ariko uguma uryamye umusi wose".

Image caption Mutinta Musokotwane-Chikopela avuga ko muri Zambia hari imisi myinshi y'akaruhuko

"Mu kindi gihe, usanga abantu benshi bagira ububabare mu misi ya mbere y'ubutinyanka, ariko uko imisi yigira imbere, ububabare bugenda buragabanuka. Jewe nshaka ico mfasha mu misi ya mbere aho ububabare buba ari bwinshi", ni ko Mazimba yavuze.

Abapfasoni bo mu gihugu ca Zambia ntibategerezwa kwitegura kugira baruhuke kuri uwo musi, ariko bashobora guhamagara gusa kugira bamenyeshe ko bafashe Mothers day.

Umukoresha yima uwo musi w'akaruhuko abakozi wiwe ashobora kubihanirwa.

Umukoresha w'umupfasoni Mazimba, Justin Mukosa, arashigikiye iryo tegeko, akanavuga ko ategera neza ingorane abapfasoni bagira uravye n'ibindi bikorwa biba bibarindiriye muhira hamwe rero no ku kazi.

Image caption Umukoresha w'umupfasoni Mazimba ,Justin Mukosa arashigikiye iryo tegeko

Avuga ko iyo ngingo ishobora gutuma akazi k'abapfasoni kagenda neza.

"Akazi si kuba umuntu aba ari mu biro gusa. Gakwiye kwihwezwa ufatiye ku mwimbu w'umuntu gusa".

Ariko aranavuga ko hari ingorane zijanye n'iyo ngingo kubera ibura ry'abakozi bivanye no gusaba uruhusha bitateguwe hamwe no ku bantu bamwe bamwe bashaka kwikika inyuma y'iryo tegeko.

Iryo tegeko rishobora gukoreshwa nabi igihe umuntu afise ibintu vyiwe ashaka kwikorera, agaca afata Mothers day.

Abantu bose ntibashigikiye Mothers day, kandi muri abo bayigwanya, harimwo n'abapfasoni.

Mutinta Musokotwane-Chikopela n'umupfasni afise abana batatu.

Akora akazi ko guteza imbere umupfasoni, ariko ntafata umusi wa Mothers day ngo kuko utuma bamwe mu bakozi b'abapfasoni bagira ubunebwe." Sindawemera kandi nta n'uwo nzigera mfata".

"Ubutinyanka ni ikintu gisanzwe mu buzima bw'umupfasoni, ni nko gutwara imbanyi canke kwibaruka", ni ko yavuze.

Nibaza ko abapfasoni bafata uwo musi kubera gusa kuko ata buryo buhari bwo guhinyuza ko bari mu butinyanka canke bataburimwo.

Umupfasoni Chikopela avuga ko iryo tegeko rikwiye gutomorwa gusumba.

"Ikibazo co muri Zambia n'uko hari imisi y'akaruhuko myinsi, harimwo n'akaruhuko k'umusi wo gusenga.

Kuri ivyo, nibaza ko Mothers day ituma abantu basanzwe bakunda akaruhuko banezerwa gusumba".

Image caption Abapfasoni muri Zambia ni bo babeshejeho imiryango yabo.

Urunani rw'amashirahamwe y'abakozi muri Zambia ZCTU na rwo rurashigikiye iryo tegeko.

"Tuguma dusigurira abapfasoni ko iyo hageze kuri uwo musi bakwiye kuruhuka, ko bitanakwiye ko baja no kw'isoko canke kuja gukora akandi kazi kuko atari vyiza", ni ko Catherine Chinunda wo mu runani ZCTU yavuze.

Umushikiranganji w'abakozi muri ico gihugu, Joyce Nonde-Simukoko yahoze ari mu runani rw'amashirahamwe y'abakozi avuka koMothers day yatanguye mu myaka ya 90 igihe itari bwemezwe nk'itegeko.

Ariko aragabisha uwo wose yokoresha iryo tegeko ukutari ko.

"Mu gihe wovuga ko uri muri Mothers day hanyuma bakagusanga uriko uratamba, aho ntawuzofata ko uri muri Mothers day. Ntukwiye no kuboneka mu gisagara uriko urasokoresha canke ugura ibintu kw'isoko. Ushobora guca uhagarikwa mu kazi. Nk'akarorero, hari umuntu basanze ariko ararima yavuze ko ari muri Mothers day, aca arirukanwa mu kazi".