Umukinyi mwiza muri Afrika aramenyekana uyu musi

Aubameyang Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Aubameyang yatahukanye ako gashimwe mu 2015

Umukinyi wa mbere mwiza muri Afrika (CAF) wo mwaka wa 2016 araza kumenyekana uyu musi ku mugoroba.

Abaharanira ako gashimwe ni umukinyi wo hagati wo muri Gabon Pierre-Emerick Aubameyang, umukinyi w'imbere wa Algeria Riyad Mahrez hamwe na Sadio Mane wo muri Senegal.

Mohamed Salah wa Misri hamwe na Islam Slimani wa Algeria bari ku rutonde rw'abakinyi batanu beza, ariko bananirwa gushika mu bibaza vy'abakinyi batatu beza bo muri Afrika.

Ku gashimwe k'umukinyi mwiza muri Afrika, ku bakinyi b'imigwi b'ibihugu vya Afrika, umunyegoli wa Uganda ariko arahiganwa n'umukinyi w'imbere wa Zimbabwe Khama Billiat hamwe n'umukinyi wo hagati wa Zambia Rainford Kalaba.

Uwuza gutorwa muri abo batatu aza gutangarizwa mu gisagara ca Abuja muri Nigeria isaha 22:30 zo mu burengero bwa Afrika.

Uwufise ububasha kw’isanamu CAF/Twitter

Abahiganirwa ikibanza c'umukinyi mwiza muri Afrika

  • Pierre-Emerick Aubameyang (Gabon & Borussia Dortmund)
  • Riyad Mahrez (Algeria & Leicester City)
  • Sadio Mané (Senegal & Liverpool)
Uwufise ububasha kw’isanamu CAF

Abaharanira agashimwe ku mukinyi mwiza muri Afrika (mw'ihiganwa ryo muri Afrika)

  • Denis Onyango (Uganda & Mamelodi Sundowns)
  • Khama Billiat (Zimbabwe & Mamelodi Sundowns)
  • Rainford Kalaba (Zambia & TP Mazembe)

Abamaze gutwara agashimwe k'umukinyi mwiza muri Afrika

2015: Pierre-Emerick Aubameyang

2014: Yaya Toure

2013: Yaya Toure

2012: Yaya Toure

2011: Yaya Toure

2010: Samuel Eto'o

2009: Didier Drogba

2008: Emmanuel Adebayor

2007: Frederic Kanoute

2006: Didier Drogba

2005: Samuel Eto'o

2004: Samuel Eto'o

2003: Samuel Eto'o

2002: El Hadji Diouf

2001: El Hadji Diouf

2000: Patrick Mbomba

1999: Nwankwo Kanu

1998: Mustapha Hadji

1997: Victor Ikpeba

1996: Nwankwo Kanu

1995: George Weah

1994: Emmanuel Amunike

1993: Rashidi Yekini

1992: Abedi Pele