Igitigiri kinini c'abakehabwenge ahegereye amabaraba manini

Imodoka xzitozito, izunguruza abantu n'amakamyo mu musunikano w'imodoka i Bangalore, mu Buhinde itariki 16 z'ukwezi kwa cumi nakabiri mu 2016 Uwufise ububasha kw’isanamu EPA

Abantu baba mu bibanza vyegereye amabarabara manini bashobora kugira ingorane y'ikehabwenge gusumba. nk'uko biri mu bushakashatsi bwanditswe muri mu kinyamakuru Lancet.

Abantu bashika ku bice 11% vy'abafise ingwara y'ugukeha ubwenge baba ku metero 50 uvuye kw'ibarabara, kubera umusunikano w'imodoka nkuko vyerekanwa n'ubushakashatsi.

Abashakashatsi bakurikiranye abantu imiliyoni 2 muri Canada mu myaka 11, bavuga ko icafura ry'ikirere hamwe n'ugwamo rw'imodoka bishobor kugira uruhara kw'ikehabwenge.

Umuhinga mw'ikehabwenge yavuze ko ivyo yatoye bikeneye kwemezwa ariko ko "vyoba ari ukuri".

Abantu bababa imiliyoni 50 kw'isi barafise ingwara y'ikehabwenge.

Ariko, igitera iyo ngwara, ituma umuntu agira ingwara yo kwibagira n'ubukomezi bw'ubwonko, gushika ubu ntikiramenyekana.

Igwirirana ry'abantu

Ivyigwa vya Lancet vyakurikiranye abantu boba bashika imiliyoni zibiri mu ntara ya Ontario muri Canada, hagati y'imyaka ya 2001 na 2012.

Har abantu 243,611 basanganye ingwara y'ikehabwenge muri ico kiringo, ariko abashobora kuyandura bari ahanini abegereye amabarabara manini manini.

Ugereranije n'ababa kure y'imetero 300, ibitigiri vy'abashobora kwandura iyo ngwara ni :

  • 7% kubaba ku metero 50
  • 4% kubaba ku metero 50-100
  • 2% kubaba ku metero 101-200

Ubushakashatsi bwerekana ko hagati y'ibice 7 - 11% vy'abafise ingwara y'ikehabwenge begereye ibarabara ku metero zidashika 50 ishobor kuba yatewe n'umusunikano w'imodoka.

Abashakashatsi baragize n'izindi ntonde z'ibindi bintu bishobora gushikira abo bantu, nk'ubukene, kuvyibuha cane, urugero rwo kwiga hamwe no kunywa itabi ari na vyo bishobora gusigura ico bivako.

Dr Hong Chen wo mu kigo c'amagara y'abantu i Ontario hamwe n'umwe mubagize ubwo bushakashatsi, bavuze: "Ukwiyongera kw'abantu hamwe no kuba mu bisagara vyatumye abantu benshi begera ahari uruja n'uruza rw'imiduga, hanyuma uko kwegera cane umusunikano w'imodokari n'ukwiyongera ko kwandura ingwara y'ikehabwenge, hamwe mbere n'ingaruko n'aho yoba ari nto yo kwegera ibarabara bishobora gutuma haba umuzigo munini kuvyo amagara y'abantu.

"Ubundi bushakashatsi kugira hamenyekano bwo kumenya iri sano burakenewe, na cane canek ku ngaruka y'ibintu vyinshi bijanye n'umusunikano w'imodoka, nk'umucafu wo mu kirere hamwe n'ugwamo."


Nohungira mu gihugu hagati?

Hari ibintu vyinshi bituma umuntu ahunga umwuka wanduye mu bisagara vyacu.

Ishami rya Onu rijejwe amagara y'abantu kw'isi , OMS, rivuga ko imiliyoni zitatu z'abantu bapfa buri mwaka bazize umwuka urimwo umwanda.

Umwuka urimwo umucafu ushobora gutuma ugira ingwara yo mu bwonko, umutima cancer hamwe no guhema nabi.

Ariko ntibiramenyekana neza nimba ikehabwenge rishobora kwongerwa kuri urwo rutonde rw'izo ngwara.