Riyad Mahrez umukinyi mwiza wa Afrika

Mahrez yarafashije umugwi wa Leicester gutwara igikombe c'umwaka uheze mu Bwongereza
Image caption Mahrez yarafashije umugwi wa Leicester gutwara igikombe c'umwaka uheze mu Bwongereza

Umukinyi wo hagati wa Leicester City, Riyad Mahrez yatsindiye agashimwe k'umukinyi mwiza wa Afrika.

Mahrez w'imyaka 25 wo mu gihugu ca Algeria yafashije umugwi wa Leicester gutwara igikombe co mu Bwongereza mu mwaka uheze, yari amaze gutwara agashimwe k'umukinyi mwiza mu Bwongera hamwe n'ako umukinyi mwiza wa BBC ku mugabane wa Afrika.

Umukinyi w'imbere wa Senegal n'umugwi wa Liverpool, Sadio Mane hamwe n'umukinyi w'imbere wa Borussia Dortmund akaba n'umukinyi w'umugwi nserukiragihugu wa Gabon, Pierre - Emerick Aubameyang bari mu baharanira ako gashimwe.

Umukinyi w'imbere w'umugwi nserukiragihugu wa Nigeria akaba akinira n'umugwi wa Arsenal yahawe agashimwe k'umukinyi mwiza.

Image caption Mahrez yaratsindiye kandi agashimwe ka BBC k'umukinyi mwiza wo ku mugabane wa Afrika

Denis Onyango wo muri Uganda n'umugwi wiwe wa Memelodi Sundowns ni we yaronse agashimwe k'umukinyi mwiza mu migwi yo muri Afrika.