Biden asaba Trump 'kureka kwigira umwana'

Joe Biden Uwufise ububasha kw’isanamu PBS
Image caption Bw Biden yavuze ko igihe kigeze kugira Trump akure mu mutwe

Joe Biden yabwiye prezida aheruka gutorwa Donald Trump ko ategerezwa "gukura" aramunebagura kuba yagaye abajejwe iperereza muri Amerika.

Uyu musi ku wa gatanu, vyitezwe ko Trump amenyeshwa inkuru z'iperereza kubivugwa ko Uburusiya bwivanze mu matora yo muri Amerika yabaye mu kwezi kwa cumi na rimwe mu mwaka uheze.

Ariko Trump yagumye yerekana amadidane ko Uburusiya bubifisemwo uruhara, ahubwo anebagura inzego zijejwe iperereza za Amerika kuri Twitter.

Biden yavuze ko bibabaje kubona uwo mukuru w'igihugu aherutse gutorwa atizera inzego z'iperereza.

"Prezida atemera inzego z'iperereza, adashobora kuzumviriza, kuva kubajejwe iperereza mu gisirikare gushika kuri CIA, n'ukubura ukwinengesera gose," ni ko yavuze mu kiganiro co ku mboneshakure ya PSB.

"Kwibaza ko ushobora kua uzi ubwenge canke ubuhinga gusumba inzego zijejwe iperereza - ni nko kuvuga ko uzi icigwa ca 'physique' gusumba umwigisha wanje. Sinasomye igitabo, ariko ndazi ko nzi vyinshi gusumba."

Abajijwe ico yibaza ku ngingo ya Trump yo kunebagura inzego zijejwe iperereza n'iyindi migwi kuri twitter rimwe rimwe, Biden yavuze: "Kura Donald, kura, n'igihe co gukura ukaba umuntu akuze, wewe uri prezida. Ni igihe co gukora ikintu citondewe. Twereke ubushobozi bwawe."

Mu nyuma yavuze ko Trump ari " umuntu mwiza".

Intumbero y'ubusuma kuri internet yari iyihe?

Biden yavuze ko yasomye icegeranyo c'inzego zijejwe iperereza za Amerika cerekana neza ko Uburusiya bwagize uruhara mu busuma bwo kuri internet igihe hari himirije amatora muri Amerika.

Trump araza guhabwa izo nkuru uyu musi ku wa gatanu.

Mu nyuma, ico cegeranyo gisigura uko vyagenze kizokwerekwa abantu ku mugaragaro mu ndwi iza.

Biden avuga ko ico cegeranyo cerekana neza " ivyo abarusiya bakoze nka politike yabo yo kugerageza kubangamira amatora yo muri Amerika".

Yavuze ko ubusuma bwa meyili cari igikorwa co kwonona imyiyamamazo ya Hillary Clinton, bari bahanganye na Trump mu matora y'umukuru w'igihugu.

Mu bantu meyili zabo zibwe harimwo John Podesta, yari arongoye ibikorwa vyo kwiyamamaza vy'umupfasoni Clinton.

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA/AP
Image caption Jenerali Clapper (i buryo)yavuze ko ico Putin yari agamije muri ubwo busuma kizogaragazwa n'inzego z'iperereza mu cegeranyo cazo

Komite nkuru y'umugambwe w'abademokrate na yo nyene yaribwe.

Izo nyandiko zose zaciye zishirwa ahabona n'urubuga rwa Wikileaks.

Ku musi wa kane, umukuru w'urwego rujejwe iperereza mu gihugu cose, Gen James Clapper, yabwiye umugwi w'abakenguzamateka ushinzwe ikibazo co kwivuna abansi ko prezida w'Uburusiya Vladimir Putin ari we yategetse ubwo busuma.

Yavuze ko ico yari agamije kizoshirwa ahabona mu ndwi iza.

Uburusiya burahakana ivyo bwagirizwa ko bufise uruhara muri ubwo busuma.

Amerika mbere yaramaze kumenyesha ko izofatira ibihano bamwe mu bategetsi bakuru b'Uburusiya.

Trump abivugako iki?

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Mr Trump yari yemeye gutanga izindi nsiguro zerekeye ubwo busuma mu ndwi iheze

Trump yagiye arahakana ko Uburusiya bwagiye mu gikorwa co kwiba inkuru kuri internet ziraba Podesta na komite nkuru y'umugambwe w'abademokrate.

Ku musi wa gatatu, yarasubiye kuvuga ko nkeka "umwana w'imyaka 14 " ari we yabikoze.

Ku musi wa kane yavuze ko "akunda cane inzego z'iperereza" inyuma y'aho amariye umwanya muremure yerekana amakenga kuri ico gikorwa c'Uburusiya.

Mbere mu nyuma yarazanye n'ikindi kibazo c'ingene umugambwe w'abademokrate wifashe muri ubwo busuma.

"Ni gute kandi ni kubera iki bemeza ubwo busuma mu gihe batasavye ko haba amatohoza ku nyabwonko zabo? Hariko haraba iki ubu?" ni ko Trump yabajije kuri Twitter.

Trump azoshikira ubutegetsi itariki 20 z'ukwezi kwa mbere.