Umwana wa Ben Laden araronderwa muri Amerika

Mwana wa Osama bin Laden yashizwe ku rutonde na Amarika rw'abantu bitwaje iterabwoba baronderwa
Image caption Mwana wa Osama bin Laden yashizwe ku rutonde na Amarika rw'abantu bitwaje iterabwoba baronderwa

Amerika ivuga ko yashize ku rutonde rw'abantu baronderwa n'ico gihugu umwana wa nyuma wa Osama Ben Laden.

Ubushikiranganji bw'imigenderanire bwa Amerika bwavuze ko Hamza Ben Laden yatanguye kuja mu bikorwa vya al Qaeda, umugwi witwaje iterabwoba washinzwe na se wiwe.

Yavuze ko azohora se wiwe yishwe n'umugwi udasanzwe wa Amerika, mu gutegura ibitero kuri Amerika.

Yafatiwe ibiano vyo kudakora ubudandaji n'abanyamerika, ubutunzi bwiwe na bwo burafatirwa.

Nyina wiwe ni Khairiah Sabar, umwe mu bagore ba Osama bafatanywe igihe haba igitero c'abasirikare ba Amerika aho Osama yari yinyegeje mu gisagara ca Abbotabad mu gihugu ca Pakista mu mwaka wa 2011.

Uwujejwe igisata c'umutekano mu mugwi wa al-Qaeda, Ibrahim al-Banna na we nyene ari kuri urwo rutonde.

Amerika yemereye umuntu wese yotuma al- Banna afatwa imiliyoni 5 z'amadolali.

Hamza ben Laden yamenyekanye ko ari umwe mu bategetsi ba al=Qaeda mu 2005, hanyuma arahirira kwihora ku rupfu rwa se wiwe mu kwezi kw'indwi umwaka uheze.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Hamza ben Laden, i buryo, akiri muto kuri video yafashwe mu 2001

Mu butumwa bwa video bw'iminota 21 bwiswe "We Are All Osama," (Twese turi Osama), washizwe ku mbuga ngurukanabumenyi, yarahiriye ko ari ngombwa ko ahora se wiwe yishwe mu 2011 mu gihugu ca Pakistan.

"Tuzobandanya kubarondera no kubica aho hose mwinyegeje inyuma yo kurondera umutekano mu kuandanya gukora amabi muri Palestine, Afghanistan, Syria, Irak, Yemen, Somalia no kubutaka bwose bw'aba Islam muriko," uko niko itororokanirizo ry'amakuru rya Reuters ryamusubiyemwo.

"Kubibaza ko ko tuzoba turiko turahora urupfu rwa Osama, turabahumurije, kuko twebwe ducungera idini ya Islam," n'uko Hamza yavuze.

Inkuru z'abaraba ibintu n'ibindi, Hamza yerekanywe n'umukuru w'idini mu mugwi wa al-Qaeda al-Zawahili mu butumwa bwari bufise intumbero yo guhamagara urwaruka ubu bahurumbira ari benshi umugwi wa Islamic State.

Hamza rero na mwenewabo wo ku wundi mugore, Saad, ni bamwe mu bari ku rutonde rw'abitwaje iterabwoba bo mu muryango wa Osama, Amerika iriko irarondera.