Umukinyi wa cinema Om Puri wo mu Buhinde yapfuye

Om Puri mu kwezi kw'umunani itariki 15 mu 2004 Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Om Puri yarakinye muri film zo mu Buhinde, mu Bwongereza no muri Amerika

Umukinyi wa film rurangiranwa mu Buhinde Om Puri, yakinye mu mafilme yamenyekanye cane mu Bwongereza, yapfuye afise imyaka 66.

Om Puri yarakinye muri film itwenza ya East is East mu Bwongereza yerekana ubuzima bw'umwimukira yavuye muri Pakistan yari yamenyereye ubuzima bwo mu buraruko bw'Ubwongereza.

Inkuru zivuga ko uwo mukinyi wa film yapfuye ahitanywe n'ingwara y'umutima ari muhira iwe i Mumbai mu gitondo co ku wa gatanu.

Om Puri yamenyekanye cane mu mafilme yo mu gihinde mu myaka ya 1980

Yarakinye kandi muri film zo mu Bwongereza, harimwo iya Mahatma Gandhi ya Richard Attenborough.

Yarakinye kandi muri film zo muri Pakistan na Hollywood.

Mu mwaka wa 2004, yaratsindiye umudari wa OBE kubera ingene yafashije mu mafilme yo mu Bwongereza.

Puri, yavutse mu 1950, mu ntara ya Haryana, mu buraruko bw'Ubuhinde.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Om Puri ari kumwe n'umukinyi wa film Helen Mirren muri The Hundred-Foot Journey

Film ya mbere yakinye yari Ghashiram Kotwal mu mwaka wa 1976.

Mu Buhinde, azwi cane muri film zamenyekanye cane ya Ardh Satya, Sadgati, Paar hamwe na film yo gutwenza ya Jaane Bhi Do Yaaro.

Mu misi iheze, yaragize ico avuga kw'iyirukanwa ry'abakinyi ba film bo muri Pakistan bivuye kku matatati ari mu karere ka Kashmir.

"Abakinyi ba film bo muri Pakistan ntibitwaza iterabwoba," ni ko yabwiye imboneshakure imwe yo mu Buhinde, ivyatumye anebagurwa na vyinshi mu binyamakuru vyo mu Buhinde.

Image caption Om Puri yarakinye mu kiganiro co ku mboneshakureca BBC ca The Canterbury Tales