Obi Mikel agiye kuva muri Chelsea

John Obi Mikel Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Mikel yaratsindiye igikombe c'imigwi yabaye iya mbere iwabo na Europa League ari mu mugwi wa Chelsea

Umukinyi wo hagati wa Nigeria John Obi Mikel ni we mukinyi amenyesheje ko agiye kwimukira mu gihugu c'Ubushinwa muri muri iyi misi ya vuba.

Mikel yamenyesheje kuri Twitter ko agiye gukinira umugwi wa Tianjin Teda.

Mu misi iheze, Oscar yaravuye muri uwo mugwi aja gukinira Shanghai SIPG.

Umukinyi wundi wa Brezil yazeye muri uwo mugwi wa Chelsea mu mwaka uheze.

Mikel yari amaze imyaka 10 muri Chelsea ntiyari agitangura mu kibuga muri mwaka, muri uwo mugwi ubu umenyerezwa na Antonio Conte.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images

Yavuze: "Nk'uko mubizi, sinakinye cane muri uyu mwaka nk'uko navyipfuza, kandi mu gihe ubu mfise imyaka 29, ndacafise iyindi myaka myinshi yo gukina."

Inkuru zivuga ko azova muri uwo mugwi ata rumeya na rumwe rutanzwe, hanyuma akazoza arahembwa ipawundi ibihumbi 140 ku ndwi.