Igisasu muri Syria cahitanye abantu mirongo ine

Umuji Azaz umaze kurwanirwa n'imigwi myinshi Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/Getty Image
Image caption Umuji Azaz umaze kurwanirwa n'imigwi myinshi

Igisasu gikomeye mu muji wa Azaz mu gihugu ca Syria cahitanye abantu bashika mirongo ine abandi benshi barakomereka.

Amakuru avuga ko ikamyo itwara ibitoro yaturitse mw'isoko ryuzuye abantu mu muji ufiswe n'abarwanya leta ku rubibe n'igihugu ca Turkiya.

Abahatuye bibaza ko umugwi Islamic State ariwo wagavye ico gitero.

Azaz ni umuji ukomeye ku barwanya leta, mu gihe ariho bacisha ivyo bakeneye.

Uramaze kurwanirwa n'imigwi itandukanye, IS ikaba yarigeze kuwigaruira igihe kimwe iwumarana amaze menshi.

Kuri ubu uwo muji ufiswe n'abarwanya leta ya Syria bashigikiwe na Turkiya.

Abantu benshi barawuhungiyemwo kuva aho abarwanyi bakuriwe mu muji wa Aleppo mu mpera z'umwaka uheze.