Abasirikare muri Cote d'Ivoire basubiye mu makambi

Abasirikare mu gihugu ca Cote d'Ivoire basubiye mu makambi, imigumuko bari bamazemwo iminsi ibiri basaba inyongera ikaba yaheze.
Kuwa gatandatu umukuru w'igihugu Alassane Ouattara yatangaje ko yashitse ku mwumvikano n'abo basirikare ku bijanye n'imishahara hamwe n'akarusho ku kuntu bafashwe.
Umugaba mu gisirikare yari mu bagumutse yavuze ko abasirikare muri Cote d'Ivoire yose bavuye mu mabarabara kandi ko bari mu makambi yabo barindiriye guhembwa.
Abatuye mu miji imigumuko yabereyemwo bavuga ko ubuzima bwasubiye kuba ubusanzwe, amaduka n'amabarabara bikaba vyuguruye