Icihebe cahuriye ikamyo ku basirikare ba Israel

Igipolisi kivuga ko uwari atwaye iyo kamyo yari icihebe Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/Getty Images
Image caption Igipolisi kivuga ko uwari atwaye iyo kamyo yari icihebe

Igipolisi ca Israel kivuga ko ikamyo yagonze umugwi w'abasirikare bari bahejeje kwururuka bisi yari ibashikanye ku gituro i Jerusalem.

Ibitangazamakuru vyaho vyavuze ko abantu bashika kuri bane bahasize ubuzima abandi barakomereka.

Uwari atwaye iyo kamyo bivugwa ko yaciye araswa agapfa.

Igipolisi kivuga ko uwo mugabo vyibazwa ko yari icihebe.

Mu mezi cumi n'atanu aheze, habaye ibitero vyinshi vy'Abanyepalestine kubanye Israel, kenshi bakoresheje imbugita.