Umugambwe ANC wo muri Africa y'epfo wakwije imyaka 105

Jacob Zuma yahamagariye ANC kwumviriza abanye Afrika y'epfo basanzwe Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Jacob Zuma yahamagariye ANC kwumviriza abanye Afrika y'epfo basanzwe

Abashigikiye umugambwe ANC uri ku butegetsi muri Afrika y'epfo bashika ibihumbi 70 bitavye ibirori vyo guhimbaza imyaka 105 iheze uwo mugambwe ushinzwe.

Prezida Jacob Zuma, asanzwe ari mu bibazo vyo kwagirizwa igiturire, yahamagariye umugambwe kwiyunga no kwumviriza ivyo abanye Afrika y'epfo basanzwe basaba.

Kuwa gatandatu, urwego rw'abagore rwa ANC rwemeje Nkosazana Dlamini-Zuma nk'umukandida warwo mu matora y'umukuru w'uwo mugambwe.

Yahora ari umuyobozi w'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika, yarigeze kandi kuba umushikiranganji ajejwe imigenderanire akaba kandi yarahoze ari umugore wa bwana Zuma.

Umugambwe ANC washinzwe ufise intumbero yo gukura abirabure ku buja bw'inkehwa z'abazungu muri Afrika y'epfo, ubishikako ku ntsinzi ya Nelson Mandela mu 1994.