Uwahoze ari prezida wa Iran Rafsanjani yapfuye

Akbar Hashemi Rafsanjani Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Akbar Hashemi Rafsanjani

Umukuru w'idini muri Iran, Ayatollah Ali Khamenei, yabaye uwa mbere mu gutanga ubutumwa bwo guhoza umuhoza umuryango bw'uwahoze ari prezida wa Iran. Akbar Hashemi Rafsanjani.

N'aho hari ukwutumvikana hagati y'abo bategetsi babiri, uwo mukuru w'idini yavuze ko prezida Rafsanjani nk'umuntu azi kurugwana.

Rafsanjani yari ashigikiye umukuru w'igihugu wo muri kino gihe Hassan Rouhani, yavuga ko yahinduye ibintu vyinshi.

Hatangajwe imisi itatu y'ikigandaro.

Rafsanjani yigeze kuba prezida wa Iran hagati y'imyaka 1989 na 1997, kandi yabandanije afise ijambo rikomeye muri politike ya Iran.