Buhari ni we arongoye ibiganiro vyerekeye Gambia

Prezida Buhari n'abandi baprezida bo mu burengero bwa Afrika baratemberereye Prezida Jammeh mu kwezi guheze Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Prezida Buhari n'abandi baprezida bo mu burengero bwa Afrika baratemberereye Prezida Jammeh mu kwezi guheze

Prezida wa Nigeria Muhammadu Buhari ariko arategura inama y'abakuru b'ibihugu bane bo muri Afrika y'Uburengero uyu musi mu ntumbero yo gutorera inyishu amatati yo muri Gambia

Ibi bikaba itumwe n'uko prezida Yahya Jammeh yanse kuva ku butegetsi amaze gutsindwa mu matora.

Prezida wa Senegal Macky Sall, prezida wa Liberia Ellen Johnson Sirleaf, icegera ca presida wa Sierra Leone, Victor Foh hamwe n'uwahoze ari prezida wa Ghana John Mahama ni bo bitezwe muri ivyo biganiro.

Prezida Buhari n'uwahoze arongoye igihugu ca Ghana Joh Mhama bahawe akazi n'ishirahamwe ryo mu burengero bwa Afrika, ECOWAS, ko gucungera umutekano wa prezida wa Gambia aherutse gutorwa, Adama Barrow, kandi ko habaye n'ihererekanwa mu mahoro ry'ubutegetsi itariki 19 z'ukwezi kwa mbere.

Prezida Buhari n'abandi bategetsi bo mu burengero bwa Afrika baragiye guhanura a prezida Jammeh mu kwezi guheze ariko ntibashoboye kumugondoza ngo ave ku utegetsi.

Abategetsi ba ECOWAS bavuga ko ingingo yo gukoresha inguvu mu gihe yokwanka kuva ku utegetsi zicihwezwa.

Umugaba w'ingabo muri Gambia yaramenyesheje ko ashigikiye prezida Jammeh mu gihe hari n'izindi nkuru zivuga ko afise umugambi wo guha akazi abacangero bo mu bihugu vya Liberia na Cote d'Ivoire.