Turkiya ishaka guhindura ibwirizwa shingiro

Igipolisi cagomvye gushwiragiza abiyamiriza guhindura ibwirizwa shingiro muri Turkiya Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Igipolisi cagomvye gushwiragiza abiyamiriza guhindura ibwirizwa shingiro muri Turkiya

Inama nshingamateka ya Turkiya iriko iraganira ku ngingo zerekeye guhindura ibwirizwa shingiro ry'ico gihugu, ariko hari abavyiyamiriza.

Umukuru w'igihugu Recep Tayyip Erdogan ashaka gushirako ububasha bw'isununuye bw'umukuru w'igihugu, akavuga ko bizozana umutekano n'iterambere.

Ariko umukuru w'umugambwe ukomeye muyitavuga rumwe na leta yavuze ko leta iriko iragerageza guhindura demokrasi intwaro y'igitugu.

Hanze y'inyubakwa ikoreramwo inama nshingamateka, igipolisi cakoresheje ivyuka bikoroza amarira hamwe n'ibiduga bimijagira amazi mu gushwiragiza amajana y'abantu bari mu myiyerekano.

Umunyamakuru wa BBC ari ku murwa mukuru wa Trukiya, Ankara, avuga ko bishoboka ko bwana Erdogan yoba afise amajwi akwiye yo gutsinda mu nama nshingamateka, agaca ahamagaza kamarampaka mu ntango z'ukwezi kwa kane.