Uburusiya buvuga ko ibirego vya Amerika birimwo ubuswa

Dmitry Peskov avuga ko uruhagarara hagati ya Amerika y'Uburusiya ruzogabanuka Donald Trump asubiriye Prezida Obama Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Dmitry Peskov avuga ko uruhagarara hagati ya Amerika y'Uburusiya ruzogabanuka Donald Trump asubiriye Prezida Obama

Uburusiya bwavuze ko ivyagiriji vy'ibiro vy'iperereza muri Amerika vy'uko bwakoze ubusuma bwo muri nyabwonko mu matora ari ubuswa budafise ishingiro.

Umuvugizi wa leta y'Uburusiya, Dmitry Peskov, yahakanye yivuye inyuma ko hoba hari uruhara na rumwe Uburusiya bwagize mu matora yo muri Amerika.

Yavuze ko ivyo vyagiriji bisa n'ivyabarondera inyendamuvano y'ibibazo barimwo.

Yongeyeko yuko uruhagarara hagati y'ibihugu vyombi ruzogabanuka Donald Trump niyasubirira Prezida Obama.

Yavuze kandi ko bwana Trump niyamara gushikira ubutegetsi, bazoca barondera itariki yo gutegura inama idasanzwe.