Umugogo w'umwami Kigeli V washitse mu Rwanda

Urubanza muri Amerika rwo gutahukana umugogo wa Kigali V rwatsinzwe n'abashaka ko utahukanwa Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Urubanza muri Amerika rwo gutahukana umugogo wa Kigali V rwatsinzwe n'abashaka ko utahukanwa

Amakuru avugwa mu bitangazamakuru vyo mu Rwanda yemeza ko umugogo w'Umwami wanyuma w'u Rwanda, Kigeli wa gatanu Ndahindurwa, washikanywe mu Rwanda.

Nk'uko vyandikwa n'ikinyamakuru co kuri internet co mu Rwanda (Igihe.com), uwo mugogo washitse mu Rwanda ku buryo butari buzwi na benshi.

Amasanamu yagaragaye yerekanye abakozi bo ku kibuga c'indege bateruye isandugu irimwo uwo mugogo, ayandi akerekana abagize umurango w'Umwami hamwe n'abaserukiye leta baje kuwakira ku kibuga c'indege.

Uwufise ububasha kw’isanamu Igihe
Image caption Abakozi bo ku kibuga c'indege bateruye isandugu irimwo umugogo w'Umwami

Itahukanwa ry'uyu mugogo w'Umwami ryashakwa na leta y'u Rwanda ivuga ko ishaka kumushingurana icubahiro, hamwe n'igice c'umuryango wiwe.

Hari abandi mu muryango ariko batashaka ko ikiziga ca Kigeli V gitahukanwa mu Rwanda ngo kuko biteye kubiri n'umuco wa cami, ngo mu gihe uvuga ko umwami atanze ari haze adatahukanwa mu gihugu ciwe.

Hanashingishijwe urubanza muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika aho Kigeli yatangiye, rwo kuraba niba yotahukanwa canke niba yoshingurwa muri Amerika.

Uwufise ububasha kw’isanamu Igihe
Image caption Abagize umuryango w'umwami bari baje kwakira umugogo

Urwo rubanza rwatsinzwe n'abashigikiye ko umugogo w'Umwami utahukanwa mu Rwanda, ariko uruhande rwatsinzwe ruvuga ko ruzokwunguruza kuri iyo ngingo.

Umwami Kigeli wa gatanu Ndahindurwa yatanze itariki 16/10/2016 muri Amerika, afise imyaka 80.