Kigeli V agiye gusubirirwa n'Umwami Yuhi VI

Umwami Kigeli V mu 1959 igihe yima Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umwami Kigeli V mu 1959 igihe yima

Inama nyarwanda y'aburi b'Umwami yasohoye itangazo imenyasha ko umwami Kigali V yasubirijwe na Emmanuel Bushayija, mwene Theoneste Bushayija umuhungu w'umwami Yuhi V Musinga.

Iryo tangazo rivuga ko "Umwami mushasha w'u Rwanda" agiye kwitwa Yuhi wa gatandatu (Yuhi VI).

Yuhi VI yavukiye mu Rwanda itariki 20//12/1960, akurira mu buhunzi mu gihugu ca Uganda ari naho yigiye amashure yisumbuye imbere yo gukora mw'ishirahamwe PEPSI Cola i Kampala.

Yakoze kandi mu bukerarugendo mu gihugu ca Kenya, mu nyuma asubira mu Rwanda mu kwezi kw'indwi 1994.

Yuhi VI Bushayija yasubiye kuva mu Rwanda mu 2000 aja kuba mu gihugu c'Ubwongereza, ari naho akiba gushika ubu.

Iki ni kiganiro umunyamabanga w'umwami Kigeli V yahaye BBC, kw'igenwa ry'Umwami Yuhi VI:

Ntibishobora gukina mu cuma cawe
Ikiganiro Benzinge Boniface, umunyamabanga w'umwami Kigeli V, yahaye BBC Gahuzamiryango