Abademokrate bariyamiriza igenwa ry'umukwe wa Trump

Jared Kushner Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Umushingwamanza wiwe avuga ko ata tegeko na rimubuza kumugena mu mabanga.

Umugwi w'abademokrate bahamagariye Donald Trump kwisubirako kw'igenwa ry'umukwe wiwe mu buhanuzi kuko habayemwo aka mwana wa mama kandi bikabangamira inyungu z'igihugu.

Uwo mugwi w'abademokrate basaba igisata c'ubutungane hamwe n'ikijejwe inyifato nziza kwihweza neza amategeko ajanye n'igenwa rya Jared Kushner w'imyaka 36.

Umushingwamanza wiwe avuga ko igenwa ryiwe ritarenze ku mategeko agwanya ka mwana wa mama.

Kushner yubakanye n'umukobwa wa Trump, Ivanka.

Uwo mugwizatunga agiye gutanga imihoho mu burongozi bw'ishirahamwe ry'umuryango ryubaka amazu hamwe n'ubwo ikinyamakuru New York Observer kugira ntarenge ku mategeko, nk'uko bivugwa n'umushingwamanza wiwe Jamie Gorelick.

Donald Trump azokwimikwa mu mabanga y'umukuru w'igihugu agira uwa 45 itariki 20 z'ukwezi kwa mbere.

Benshi mubagenywe bafise ayandi mabanga babangikanije bikazokenerwa ko vyihwenzwa neza ibere y'uko bemezwa muri iyi ndwi.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Ivanka Trump yubakanye na Jared Kushner mu 2009, ubu bakaba bafitaniye abana batatu

Mu ndwi iheze, hari inkuru zavuzwe ko Ivanka na Jared n'abana babo bazimukira mu nzu iciye amadolali imiliyoni 5.5 i Washington DC - n'imiburiburi umwanya muto.

Umuryango wa Obama witezwe kwimukira muri ako gace inyuma yo kuva ku butegetsi.

Hagati aho, Trump yaramenyesheje mu kwezi kwa cumi na rimwe ko umugore wiwe, Melania, ashobora kuba i New York - mu ntango - inyuma yo kwimikwa kugira arindire umuhungu wabo mutoya, Barron, guheza umwaka w'ishure.