Umushikiranganji wa Gambia yatanze imihoho

Abakuru b'ibihugu bo mu burengero bwa Afrika bariko baragerageza kugondoza Yahya Jammeh (yicaye hagati) kuva ku butegetsi Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abakuru b'ibihugu bo mu burengero bwa Afrika bariko baragerageza kugondoza Yahya Jammeh (yicaye hagati) kuva ku butegetsi

Umushikiranganji wo kumenyesha amakuru Sheriff Bojang yatanze imihoho mu kwiyamiriza prezida Yahya Jammeh yanse kuva ku butegetsi inyuma yo gutsindwa mu matora yabaye mu kwezi guheze, nk'uko inkuru zibivuga.

Utwigoro two kwanka ivyavuye mu matora n'ukwanka ishaka ry'abanyagihugu ba Gambia, ni ko yanditse mw'itangazo, nk'uko vyandikwa n'itororokanirizo ry'amakuru rya Reuters.

Imboneshakure ya reta ivuga ko Bojang yirukanywe mu mabanga yiwe.

Akanama ka Onu kajejwe umutekano yarahamagariye prezida Jammeh kuva ku butegetsi.

Yabanje kwemera ko Adama Barrow yamutsinze, ariko mu nyuma aza kwisubirako, avuga ko amatora yabayemwo utunenge.

"Abanye Gambia barafashe ingingo, dutegerezwa kuyemera no kwuyubahiriza," Ni ko Bojang yabimenyesheje mw'itangazo.

Ni ko yabwiye Reuters ku murongo wa telefone ari mu gihugu kibanyi ca Senegal.

Mu kwezi kw'icumi Sheriff Bojang yaravuzwe cane igihe yamenyesha ko Gambia ishaka kuva muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha ICC.

Yavuze ko iyo sentare ari "sentare yo gucira imanza abandi bantu cane cane abanyafrika".

Jammeh atwaye Gambia kuva agitembagaza ubutegetsi mu 1994.

Abakuru b'ibihugu batatu bo mu burengero bwa Afrika, harimwo uwa Nigeria Muhammadu Buhari, bazogira urugendo muri Gambia ku musi wa gatatu ku ncuro ya kabiri yo kugondoza Jammeh ngo yemere ivyavuye mu matora.