Prezida Museveni yagenye umwana wiwe kuba umuhannuzi

Maj Gen Muhozi Kainerugaba n'umupfasoni wiwe Charlotte Kutesa Kainerugaba Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Maj Gen Muhozi Kainerugaba n'umupfasoni wiwe Charlotte Kutesa Kainerugaba

Prezida wa Uganda Yoweri Museveni yagenye umuhungu wiwe Maj Gen Muhozi Kainerugaba, kuba umuhanuzi mukuru wa prezida mu bikorwa vya gisirikare bidasanzwe.

Umupfasoni wa Museveni, Janet Kataaha Museveni ni umushikiranganji w'indero n'inkino, ikibanza yagiyemwo mu kwezi kwa gatandatu mu mwaka uheze.

Gen Kainerugaba yahora arongoye abasirikare badasanzwe (SFC) bashinzwe gukora akazi ka gisirikare kadasanzwe.

Abo basirikare ni bo bacunga umukuru w'igihugu n'ibibanza bikuru vya reta ya Uganda.

Lt Col Dn Nabaasa yadugijwe ipeta aba koloneli aca agirwa icegera c'uwurongoye abasirikare ba SFC.

Prezida Museveni yagenye umukuru w'abasirkare mushasha , Maj Gen David Muhoozi yaciye anaduzwa ipeta aba jenerali.

Uwahora arongoye abasirikare, Edward Katumba Wamala yavuye muri ico kibanza aca agenwa kuba umushikiranganji w'ibikorwa vya reta.

Muri ivyo vyahindutse vyame nyeshejwe n'umuvugizi wa gisirikare (UPDF) Lt Col, prezida Museveni yadugije kandi uwari arongoye ingabo zagize ibitero ku ngoro y'umwami wa Rwenzururu, mu burengero bw'ico gihugu.

Abantu 100 barapfiriye muri ico gikorwa ca gisirikare.

Umwami wa Rwenzururu, Charles Wesley Mumbere yarafashwe ubu akaba apfunzwe.

Image caption Maj Gen Peter Elwelu yari arongoye abasirikare bateye ikirimba c'umwami wa Rwenzururu

Brigadier Peter Elwelu yari arongoye abo basirikare bafise ikambi yabo i Mbarara, yadugijwe ipeta aca aba Maj Gen aca agenwa kurongora abasirikare bagwanira ku butaka.