Ronaldo yatsindiye agashimwe ka FIFA

Ronaldo Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Ronaldo yatsindiye agashimwe Fifa

Christiano Ronaldo yatsindiye agashimwe k'umukinyi mwiza wo muri uyu mwaka gatangwa n'ishirahamwe mpuzamakungu ry'umupira w'amaguru kw'isi FIFA.

Ronaldo w'imyaka 31 yaciyeko Lionel Messi wa Barcelone na Antoine Griezmann wa Atletico Madrid mu birori vyabereye mu gisagara ca Zurich, mu Buswisse.

Ronaldo kandi yaratsindiye Ballon d'Or mu kwezi kwa cumi na kabiri u mwaka uheze, bivuye ku kungene akina mu mugwi wa Real Madrid, aho yatwaye ikigombe c'imigwi yabaye iya mbere iwabo, Euro 2016 mu mugwi nseruhiragihugu wa Portugal.

Umumenyereza wa Leicester City, Claudio Ranieri yagenywe nk'umumenyereza mwiza mu bagabo, mu gihe Silvia Neid yahoze ari umumenyereza w'Ubudagi, akaba ari we yabaye uwa mbere ku ruhande rw'abapfasoni.