Obama yasavye abanyamerika kubungabunga demokrasi

Barack Obama Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Prezida Obama yarangije ijambo avuga: " Yes we can. Yes we did. Yes we can." (Ego turashoboye. Ego twarabishoboye. Ego turashoboye."

Prezida wa Amerika Barack Obama yasavye ashimitse abanyamerika gushigikira demokrasi, mw'ijambo ryiwe rya nyuma ari prezida wa Amerika, mu gisagara ca Chicago.

"Ivyo wofatirako vyose, Amerika ihagaze neza muri vyose, kandi ifise inguvu zirenze" gusumba uko yari imeze mu myaka umunani ihezeigihe yashikira ubutegetsi, ni ko yabwiye ibihumbi n'ibihumbi vy'abamushigikiye bari bakoraniye muri ico gisagara.

Yavuze kandi ko "demokrasi ibura inguvu aho hose itaba ishigikiwe bikwiye".

Yasavye abanyamerika bose iyo bava bakagera gufata ingingo baravye n'aho abandi bahagaze, yongerako ko "ni ngombwa twumvirize abandi kandi tubategere".

Prezida Obama ni we prezida wa mbere wa Amerika afise amaraso y'abanyafrika, akaba yatorewe ayo mabanga mu 2008 avugako agiye guhindura ibintu no kugarukana umwizero.

Uwugiye kumusubirira Donald Trump yiyemeje guhindura zimwe muri politike za Obama w'imyaka 55.

Trump azoshikira ubutegetsi itariki 20 z'ukwezi kwa mbere.

Isinzi ry'abantu ryari ngaho ryateye akamo hejuru ngo " iyindi myaka ine" ariko uwo mutegetsi aca avyamirira kure.

"Sinshobora gukora ibintu nk'ivyo." ni ko yavuze.

"Abaprezida ba Amerika barekuriwe gutwara ibiringo bibiri gusa nk'uko biri mw'ibwirizwa shingiro".

Obama yaboneka ko afise akamwemwe yavuze ko umugenzo wa Amerika wo guhanahana ubutegetsi mu mahoro ari ikintu gikomeye cane kizwi muri demokrasi ya Amerika.

Ariko yavuze ko hari ibintu bitatu bibangamiye demokrasi muri Amerika - ubusumbasumbane mu butunzi, amacakubiri y'urukoba hamwi n'inyifato y'imwe mu migwi yikumira igaca yishimikiza ububeshi bukabije.

Mu kurangiza ijambo ryiwe, yavuze ko ikintu kimwe asaba ku banyamerika mu gihe akiri prezida ari : "Ndabasaba kugira ukwizera. Si kubushobozi bwanje nashoboye guhindura ibintu - ni kubushobozi bwanyu."

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Prezida Obama yavuze ko icegera ciwe Joe Biden yabaye nka mwenewabo
Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Yashimiye umupfasoni wiwe Michelle n'abakobwa biwe kuba barihanganiye ibintu vyinshi

Obama yasubiye Chicago, aho yatangarije intsinzi yiwe mu 2008, ahavugira ijambo ryari rifise ubutumwa bwo kwizera inyuma y'imyiyamamazo yaranzwemwo impari nyinshi hagati ya Trump na Hillary Clinton.

Obama yavuze ko abanyamerika benshi bakiri bato, harimwo abagiye mu myiyamamazo yiwe hamwe n'abemera "Amerika itavangura, y'ubutungane kadi ya bose" bamuha icizere cinshi gusumba igihe yashikira ubutegetsi.

Mu gutora ikibanza ca Chicago, Obama yari yavuze ko ashaka gusubira mu kibanza aho "ibintu vyose vyatanguriye" kuri we n'umupfasoni wiwe Michelle Obama.

Urwo rugendo rwa Obama mu gisagara ca Chicago ni rwo rwa nyuma akiri ku butegetsi, rukaba rubaye urwa 445 agendera mu ndege ya prezida ya Air Force One.