Yahya Jammeh yagenye umuhuza

Yahya Jammeh yagenye umuhuza yofasha gutora umuti w'amatati ari muri Gambia Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/getty
Image caption Yahya Jammeh yagenye umuhuza yofasha gutora umuti w'amatati ari muri Gambia

Mu bintu biboneka nk'ikimenyetso c'uko prezida wa Gambia ashobora kuva ku butegetsi, Yahya Jammeh yagenye umuhuza yofasha gutora inyishu y'amatati ya politike ari muri ico gihugu.

Mw'ijambo yashikirije abanyagihugu, Jammeh yavuze ko yategetse inama nshingamateka n'ubushikiranganji bw'ubutungane gushiraho itegeko ribuza abantu kwihereza amabarabara, aho yasavye kandi ko hoba ukugiriranira imbabazi.

Jammeh yavuze ashimitse ko igihugu ciwe ari ngombwa ko igihugu ciwe kirindira ingingo ya sentare nkuru imenyesha uwatsinze amatora mu kwezi guheze.

Ibi bije bikurikira itangazo ryo ku musi wa kabiri aho sentare nkuru yamenyesheje ko urwo rubanza rutazumvirizwa gushika mu kwezi kwa gatanu igihe umucamanza w'umunye Nigeria arongoye iyo sentare azoba yaronse umwanya.

Ashikiriza ijambo ku mboneshakure ya Gambia, Jammeh yanse amakungu yivanga muri ico kibazo inyuma yo gutsindwa mu matora ya prezida na Adama Barrow.

Yasavye umuntu wese kwubahiriza ubutungane no kurindira ingingo ya sentare nkuru kuvyerekeye ayo matora.

Yanebaguye ishirahamwe ECOWAS kuba yafashe ingingo zikomeye bivuye kuri ayo matora.