Umugabo umwe yahambanywe amahera muri Uganda

Charles Obong yashatse kuriha Imana kugira imugirire ikigongwe ku bicumuro vyiwe Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Charles Obong yashatse kuriha Imana kugira imugirire ikigongwe ku bicumuro vyiwe

Umugabo umwe wo muri Uganda yahambanywe amadolali 5.700 yo guha igiturire Imana ngo imuhe imbabazi ku bicumuro yakoze kugira ntaje mu muriro udahera.

Charles Obong, yahoze ari umukozi wa reta yapfuye afise imyaka 52, yasavye ivyo igihe yariko arasezera umuryango wiwe nk'uko ubivuga.

N'aho ivyo vyakozwe, bafuruye imva yiwe bakura ayo mahera mw'isandugu yahambwemmwo, inyuma y'aho abategetsi b'ibanze bamenyeye iyo nkuru nk'uko vyandikwa n'ikinyamakuru ca Daily Monitor.

Ico kimenyeshamakuru casubiyemwo musenyeri w'aba Anglikani Joel Agel, avuga ko ata mahera ashobora ubuzima budahera kandi n'Imana ntishobora kwakira amahera.