Umukinyi rurangiranwa w'imyaka 50 w'Ubuyapani arabandanya gukina

Kazuyoshi Miura Uwufise ububasha kw’isanamu Rex Features
Image caption Kazuyoshi Miura yatsinze ibitego bibiri mu nkino 20 zo mw'ihiganwa riheze, ariko kenshi yinjira mu gice ca kabiri

Umukinyi w'imbere rurangiranwa wo mu Buyapani, Kazuyoshi Miura azosezera gukina arengeje imyaka 50 inyuma yo gushira umukono ku masezerano na Yokohama FC.

Miura yasezeye mu mugwi nserukiragihugu haraheze imyaka 17, ni we mukinyi akuze cane muri kahise k'ihiganwa ryo mu gihugu hagati amaze kwinjiza igitego, inyuma yo kwinjiza afise imyaka 49 mu mwaka uheze.

Azoshikana imyaka 50 itariki 26 z'ukwezi kwa kabiri, mu ntango z'umwaka wa 2017.

Miura, yakinye mw'ihiganwa rya Buraya, yatsinze ibitego 55 mu nkino zo mu Buyapani.

Yatanguye gukinira umupira muri Brezil mu mugwi wa Santos, agira umwuga umupira w'amaguru mu 1986, arakina umwanya muto muri Genoa na Dinamo Zagreb mu myaka ya 1990.

Yagiye mu mugwi wa Yokohama mu 2005 afise imyaka 38.

"Nizeye ko nzoguma nkora uko nshoboye ndi kumwe n'abategetsi b'uyu mugwi, abo dukinana hamwe n'abakunzi bawo bagumye na ntaryo bamfata mu mugongo," ni ko Miura yavuze, mu gihe agira atangure umwaka wa 32 akina umupira w'amaguru, mu masezerano y'umwaka umwe.

Image caption Miura ari mu mugwi w'abakinyi babandanije bakina barenza imyaka 40