Trump yanebaguye inzego z'iperereza za Amerika

Donald Trump Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Donald Trump

Trump yanebaguye inzego zijejwe iperereza muri Amerika, avuga ko bashobora gutuma abantu bibaza ko Uburusiya bwegeranije inkuru zishobora kumubangamira.

Prezida aheruka gutorwa muri Amerika, Donald Trump, yavuze ivyo mu kiganiro ca mbere n'abamenyeshamakuru.

Yagirije kandi ibinyamakuru ko bishikiriza inkuru z'ububeshi avuga ko ziba zegeranijwe n'abagwayi.

Inzego z'iperereza zarashikirije icegeranyo Trump na prezida Obama.

Trump yabandanije avuga ko yiteze ko atazogira imigenderanire myiza na Vladimir Putin, ariko ko azokora uko ashoboye kugira Amerika yubahwe mu makungu gusumba ubu.