Abatalibani berekanye abantu babiri bagize ingwati

Timothy Weekes Uwufise ububasha kw’isanamu Via AP
Image caption Timothy Weekes yasavye Trump kumufasha

Abagwanyi b'abatalibani basohoye video yerekana abagabo babiri bagizwe ingwati - umunyamerika n'umunye Astralia - banyurujwe n'abo bagwanyi muri Afghanistan mu mwaka uheze.

Umunyamerika Kevin King hamwe na Timorhy Weekes wo muri Astralia bigisha muri kaminuza y'abanyamerika muri Afghanistani mu gisagara ca Kabul.

Banyurujwe mu kwezi kw'umunani bari mu modoka zabo hanze y'iryo shure n'abagwanyi bari bambaye impuzu zisa n'izo abasirikare ba reta.

Mu mpera z'uko kwezi, abasirikare ba Amerika muri Afghanistan baragerageje kubabohoza ariko barananirwa, nk'uko vyavuzwe n'ubushikiranganji bwo kwivuna abansi.

Kuri iyo video bivugwa ko yafashwe itariki imwe z'ukwezi kwa mbere ica ishirwa ku rubuga ngurukanabumenyi, abo bagabo bavuga ko bafise amagara meza.

Ariko basaba prezida aherutse gutorwa Donald Trump kwitanga mu kubarekuza atanze abatalibani bapfunzwe.

Bavuga ko Amerika itemeye ibiganiro vyotuma barekurwa, bazoca bicwa.

Uwufise ububasha kw’isanamu Via AP
Image caption Kevin King na we nyene bamwerekanye
Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abasirikare ba Amerika baragerageje kubabohoza mu kwezi kw'icenda umwaka uheze ariko barananirwa