Turkia yatanze icizere ku masezerano y'amahoro na Chypre

Imyiyerekano yo gushigikira amahoro muri Chypre, mu karere ka Nicosia itariki 10 z'ukwezi kwa mbere mu 2017 Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abanyagihugu bo mu Bugiliki, Turkia na Chypre mu myiyerekano yo gushigikira amahoro mu karere ka Nicosia

Umushikiranganji wa mbere wa Turkia arifatanya n'abandi mu biganiro vy'amahoro vya Chypre i Geneve, mu gihe hari ibimenyetso vyerekana ko iryo zinga ryiciyemwo ibice rishobora gusubirana.

Inkuru ziva muri Onu zivuga ko batari biteze ko Binali Yildirim aza muri ivyo biganiro, bikaba vyerekana ingene ivyo biganiro bibonwa nk'ibihambaye, nk'uko bivugwa n'umumenyeshamakuru wa BBC James Landale.

Ibiganiro vy'i Geneve birimwo kandi umushikiranganji w'imigenderanire w'Ubwongereza Boris Johnson na bagenzi we b'Ubugiliki na Turkia.

Abanye Turkia, abagiliki na Chypre batandukanye kuva mu 1974.

Muri uwo mwaka, ingabo za Turkia zarateye bivuye kw'itembagazwa ry'ubutegetsi ry'abagiriki bo muri Chypre bari bashigikiwe n'aajenerali batwara Ubugiliki muri ico gihe.

Kuba Yildirim yitavye ivyo biganiro ntibisigura ko amasezerano aca aboneka, nk'uko bivugwa n'umumenyeshamakuru wa BBC.

Kugira ayo masezerano yemezwe, ategerezwa gushigikirwa n'abanye Chypre bose mu matora ya kamarampaka atandukanye.

Onu ihagarikiye ivyo biganiro, ivuga ko ari akaryo keza ko gusubira kwunga iryo zinga inyuma y'imyaka irenga 40 ryariciyemwo ibice.

Ikigamijwe n'uko izo mpande zibiri zisangira ubutegetsi mu mareta abiri ahuriye hamwe.

Umutegetsi wa Chypre yegamiye Ubugiliki n'uwa Chypre yegamiye Turkia - Prezida Nicos Anastasiades na Mustafa Ankinci - ku musi wa gatatu barahanahanye amakarata yerekana ahoca imbibe.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/Reuters
Image caption Umukuru wa Chypre y'Ubugiliki Nicos Anastasiades (i bubamfu) n'uwa Chypre yegamiye Turkia Mustafa Akinci bamaze igihe mu biganiro

Bwabaye ubwa mbere bakora ivyo, nk'uko bivugwa na Onu, bikaba vyafashwe nk'intambwe ikomeye igana ku masezerano.

Umunyamabanga wa Onu mushasha Antonio Guterres aza kuba ari muri ivyo biganiro mu rugendo rwiwe rwa mbere kuva agenywe muri ayo mabanga.