Uburusiya ntibushaka ingabo za Amerika muri Pologne

Umuzo w'ibiduga vy'ingwano n'abasirikare benshi ba Amerika muri Pologne biteye impungenge Uburusiya Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/Getty Images
Image caption Umuzo w'ibiduga vy'ingwano n'abasirikare benshi ba Amerika muri Pologne biteye impungenge Uburusiya

Uburusiya buvuga ko irungikwa ry'abasirikare benshi ba Amerika hamwe n'ibiduga vy'ingwano muri Pologne ribangamiye umutekano wabwo.

Umuvugizi wa leta y'Uburusiya, Dmitry Peskov, yavuze ko ivyo biri gukorwa na Amerika bibangamiye inyungu z'Uburusiya; ngo kuko birimwo igihugu kitari no ku mugabane wa Buraya.

Aba mbere mu bihumbi vy'abasirikare ba Amerika batanguye gushika muri Pologne, bitwaje ibiduga vy'ingwano birimwo ibitamenwa n'amasasu.

Bazorungikwa ku birindiro vy'ishirahamwe ry'abivunira umwansi hamwe, OTAN, mu buseruko, mu mugambwe wa Prezida Obama wo kwizeza incuti za Amerika muri OTAN ngo ntizitinye ivyo zibona nk'agasomborotso k'Uburusiya.

Nico gikorwa ca gisikare kinini Amerika ikoze kuva hahera intambara iteruye izwi kw'izina rya Cold War.