Abanye Cuba bagiye kuza barasabwa 'visa' yo kuba muri Amerika

Abanyagihugu bariko baraja muri Amerika Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abanyagihugu bariko baraja muri Amerika

Amerika yahagaritse politike yari imaze igihe kinini yarekurira abanye Cuba uburenganzira budasanzwe bwo kwinjira no kuba muri Amerika ata kindi gisabwe.

Reta ya Cuba yagumye yidogera iyo politike izwi kw'izina rya ' wet foot, dry foot', ituma abanye Cuba ibihumbi n'ibihumbi bahungira muri ico gihugu buri mwaka.

Obama yavuze ko icemezo co gufuta iyo ngingo, ari ciza mu ntumbero yo gusubira kwunga ubucuti na Cuba.

Ivyo bihugu bibiri bidacana uwaka basubiye kwunga ubucuti mu 2015 inyuma y'imyaka ijana barabara ribi.