Ubushinwa buragabisha Amerika ku mazinga ari mu matati

Amazinga ari mw'ibahari iri mu bumanuko bw'Ubushinwa Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Amazinga ari mw'ibahari iri mu bumanuko bw'Ubushinwa

Kubuza Ubushinwa kuja mw'izinga bwubatse mu mazi arimwo amatati bishobora gutera imishamirano ikomeye, nk'uko bivugwa ikinyamakuru ca reta y'Ubushinwa kibivuga.

Ivyo bivuzwe inyuma y'aho umushikiranganji w'imigenderanire wa Amerika aherutse kugenwa na Trump Rex Tillerson avugiye ko Amerika itegerezwa kubuza Ubushinwa kuja muri ayo mazinga mashasha yo mu bumanuko bw'Ubushinwa.

Ibimenyeshamakuru bibiri vyateye ivyatsi aya majambo.

Ikinyamakuru ca Global Times cagabishije ko iyo ngingo ishobora gutera intambara ikomeye.

Ubushinwa bumaze igihe bwubaka ayo mazinga mu mazi bapfa n'ibindi bihugu.

Amafoto yagiye ahabona mu mwaka uheze yerekanye ko ayo mazinga acungerewe cane.

Ku musi wa gatatu, Tillerson yagereranije ayo mazinga y'Ubushinwa n'ingingo y'Uburusiya yo kwigarurira akarere ka Crime k'igihugu ca Ukraine.

"Bizoba ngombwa gusigurira ubushinwa ngo buhagarike kwubaka ikintu ico ari coo cose muri ayo mazinga, kandi ko no kwinjira muri ayo mazinga batabirekuriwe".

Umuvugizi w'ubushikiranganji w'imigenderanire y'Ubushinwa Lu Kang yasubiwemwo avuga: "Ubushinwa burafise uburenganzira bwo gukora ivyo bushatse vyose mu muri ayo mazinga."

.Abajijwe ku kibazo co kuzibira Ubushinwa kuja muri ayo mazinga, yavuze : "Sinshobora kwishura ku bibazo bitagira aho bishimikiye".