Real Madrid yaciye umuhigo mu gukina inkino 40 idatsinzwe na rimwe

Abakinyi ba Real Madrid bariko baragwana mu nda n'umumenyereza inyuma yo kunganya na Seville ibitego 3-3 Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Abakinyi ba Real Madrid bariko baragwana mu nda n'umumenyereza inyuma yo kunganya na Seville ibitego 3-3

Real Madrid yaciye umuhigo wo gukina inkino 40 idatsinzwe na rimweinyuma y'aho Karim Benzema atsindiye igitego co kunganya na Seville 3-3'

Ubwa nyuma Real Madrid imenyerezwa na Zinedine Zidane yatsinzwe hari mu rukino rwabahuje na Wolfsburg mu nkino z'imigwi yabaye iya mbere iwabo, mu nkino za mbere mu kwezi kwa kane mu mwaka uheze.

Barcelone ni yo yari ifise umuhigo w'inkino 39, idatsinzwe imenyerezwa na Luis Enrique hagati y'umwaka wa 2015 na 2016.

Uko kunganya ku musi wa kane gusigura ko Real igiye mu gice ca kane gishira ica nyuma mu gikombe c'umwami 'Copa del Rey'.

Uwahoze ari umukinyi wo hagati wa Juventus, Real n'umugwi nserukiragihugu w'Ubufaransa, Zinedine Zidane w'imyaka 44 yagenywe mu mabanga yo kumenyereza uwo mugwi wa Real mu 2016.

Gushika ubu amaze gutsindira ibikombe vyisnhi ugereranije n'inkino yatsinzwe - harimwo igikombe c'imigwi yabaye iya mbere iwabo i Buraya, igikombe c'imigwi yabaye iya mbere iwabo kw'isi, igikobe ca UEFA Super Cup mu gihe batsinzwe incuro zibiri gusa.

Real Madrid imaze gutsinda incuro 31 , inganya incuro icenda, ikaba imaze gutsinda ibitego 115 na yo yinjizwa ibitego 39.

Barcelone yatsinze ibitego 32 inganya incuro 7 mu nkino zose kuva mu kwezi kwa cumi mu mwaka 2015 gushika mu kwezi kwa gatatu mu 2016.

Imaze gutwara igikombe c'ihiganwa ryo muri Espagne incuro zibiri muri ico kiringo.