Abatwa mu Burundi bafise ikibazo c'inkono zabo zitagurwa

Inkono zibumbwa n'Abatwa ntizikigurwa nka kera kubera ibikoresho vya kijambre
Image caption Inkono zibumbwa n'Abatwa ntizikigurwa nka kera kubera ibikoresho vya kijambre

Abatwa bo mu Burundi kuva kera bamye batunzwe no kubumba inkono, ariko ubu uwo mwuga wabo ntukibafasha kubera igwirirana ry'amasafuriya.

Hari kandi n'ibindi bikoresho nk'ibidumu hamwe n'ibindi vya kijambere bikoreshwa mu kibanza c'inkono.

Imiryango igera ku 65 yo mu kigwati ca Gatobo muri komine Busiga intara ya Ngozi mu buraruko bw'u Burundi, yatanguye kwihebura.

Bashoye kw'isoko izo nkono babumba, ntawukibagurira.

Image caption Kera abagabo barafasha abagore kubumba inkono ariko mu gihe zitakigurwa cane, abagabo barabihevye

Mu ruganda rw'umupfasoni Ménédore Nduwimana aho BBC yahitse, uwo mukenyezi w'imyaka 26 co kimwe na bagenziwe bavuga ko ubu uwo mwuga wo kubumba inkono usigaye ari nko guta umwanya kubera atawukizigura.

Menedore yagize ati: "Kera indya zikiriho, nabumvye nka rurya rutango rw'amabido ane naragenda bakampa umutemere w'ubujanju, mugabo ubu ndayibumvye (inkono) ari iy'amabido atatu baca bambwira bati sindakurenza igihumbi.

"Ubu ngo abazungu nibo badukuye ku butegetsi bizanira izo za rudipe ngo zidahera".

Ikibanza c'inkono mu buzima bwa minsi yose caragabanutse cane, abakizitekamwo n'imparurwa, ikitavuzwe co n'ukuzivomesha canke kuzitwaramwo inzoga.

Image caption Inkono zo mw'ibumba zasubirijwe ibikoresho bikorwa mu vyuma na plastike, nk'ibidumu n'amasafuriya

Mu myaka iheze, umwuga wo kubumba wakorwa n'abagore bafadikanije n'abagabo babo, ariko ubu abagabo barawuhevye kuko ataco bari bakiwukuramwo.

Umwe mu bagabo yavuganye na BBC agira ati: "Twabafasha kera kuryikorera (iryo bumba) nabo bakaribumba, mugabo ubu aho tuboneye ko amazi yarenze inkombe ntibabe bakizigura (inkono), twaciye turiva inyuma."

Image caption Ikigwati ca Gatobo muri komine Busiga intara ya Ngozi mu buraruko bw'u Burundi

Uretse n'ivyo, ibumba ryo kubumbamwo inkono risigaye ari umuzi w'ibuye; mu myonga aho ryahora riva, ababumba amatafari yo kwubaka amazu bararimaze, ahandi ubu hari indimo.

Bibandanije uko, ukubumba inkono usa n'umwuga utagira kazoza.