Muri Gambia baragerageza kugondoza Jammeh ubwanyuma

ECOWAS igabisha ko izokoresha inguvu za gisirikare Yahya Jammeh nataba yavuye ku butegetsi mu minsi itandatu Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption ECOWAS igabisha ko izokoresha inguvu za gisirikare Yahya Jammeh nataba yavuye ku butegetsi mu minsi itandatu

Abakuru b'ibihugu vya Afrika y'uburengero bari mu nama na Prezida wa Gambia, Yahya Jammeh, bagerageza ubwanyuma kumwumvisha kuva ku butegetsi.

Bamusaba gukinjura ku butegetsi nyuma yo gutsindwa amatora yo mu kwezi guheze.

Abo bategetsi ni abo mw'ishirahame ECOWAS ry'ibihugu vya Afrika y'uburengero, rikaba rigabisha ko rizokoresha inguvu za gisirikare bwana Jammeh niyaba atarava ku butegetsi mu minsi itandatu iri imbere.

Ibihumbi vy'abanye Gambia baramaze guhungira mu bihugu bibanyi nka Senegal na Guinea-Bissau, batinya intambara.

Ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika rivuga ko ritazokwemera bwana Jammeh nk'umukuru w'igihugu, ikiringo ciwe nicahera.