Trump ariteguye gukorana n'Uburusiya hamwe n'Ubushinwa

Donald Trump Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Donald Trump yavuze bimwe mu bizoraba politike yiwe y'imigenderanire

Prezida aherutse gutorwa wa Amerika Donald Trump avuga ko yiteguye gukorana n'Uburusiya hamwe n'Ubushinwa mu gihe ivyo bihugu vyovyemera.

Trump yabwiye ikinyamakuru Wall Street ko ibihano bishasha biherutse gufatirwa Uburusiya bishobora kugumaho "n'imiburiburi umwana muto" ariko ko bizotegerezwa kuvanwaho.

Yavuze kandi ko politike y'Ubushinwa bumwe, aho Amerika itigeze yemera Taiwan, yategerezwa kuganirwako.

Hagati aho, umugwi w'inama nkenguzamateka urihweza ibivugwa ko Uburusiya bwivanze mu matora y'umukuru w'igihugu muri Amerika.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP / Getty Images
Image caption Prezida Vladimir Putin w'Uburusiya (i bubamfu) na prezida Barack Obama ntibari bafitaniye imigeneranire myiza

Mu kiganiro yatanze, Trump yavuze ko ibihano ku Burusiya bisobora kuvanwaho mu gihe Uburusiya bwokwemera gufasha Amerika kugwanya iterabwoba hamwe no mu bindi bibazo.

"Mu gihe mwumvikana no mu gihe Uburusiya bwodufasha, ni nde muntu yogumiza ibihano ku wundi ariko arakora ibintu vyiza bigaragara?"

Yavuze ko yizeye ko inama izobahuza na Putin ishobora gutegurwa.

Kuvyerekeye Ubushinwa, Trump yavuze ko butegerezwa kwemerera amakompanyi y'abanyamerika guhiganwa batarinze kugabanya agaciro k'amahera yabo.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Uburusiya bwagiriza kwonona imyiyamamazo ya Hillary Clinton bushaka ko ari Trump atsinda

Ariko yavuze ko atoca avuga ko Ubushinwa buhindagura agaciro k'amahera yabwo ari ho agishika ku butegetsi.

Mu mezi aheze, yaravuze ko atemera politike y'Ubushinwa bumwe, bituma anebagurwa cane n'ibinyamakuru vyo muri ico gihugu.