Inkino z'igikombe ca Afrika ziratangura muri Gabon

Inkino z'igikomba ca Afrika ziratangura muri Gabon
Image caption Inkino z'igikomba ca Afrika ziratangura muri Gabon

Inkino z'igikombe c'ibihugu vya Afrika 2017 ziratangura ku wa gatandatu muri Gabon aho ico gihugu kiza gutana mu mitwe na Guinnee Bissau.

Mu misi 23, imigwi 16 izotana mu mitwe ihiganirwa ico gikombe gikomeye cane ku mugabane wa Afrika.

Izo nkino zari kubera mu gihugu ca Libya, ariko kubera intambara iharangwa vyabaye ngombwa ko abazitegura bazungururiza muri Gabon yaheruka gutunganya izo nkino mu 2012.

Gabon yateguye izo nkino ni wo mugwi uri mu kibanza c'inyuma mu rutonde rwa FIFA, ariko ivyo umupira wa maguru, wosanga barashitse mu gice ca nyuma.

Misri, Algeria, Senegal na Ghana ni yo migwi inuganugwa ko ishobora gutwara ico gikombe.