Umwana yibwe yatowe akomeye inyuma y'imyaka 18

Umwana yibwe Kamiyah Mobley (mu bubamfu) n'umupfasoni yafatanywe Gloria Williams (mu buryo) Uwufise ububasha kw’isanamu JACKSONVILLE SHERIFF'S OFFICE
Image caption Umwana yibwe Kamiyah Mobley (mu bubamfu) n'umupfasoni yafatanywe Gloria Williams (mu buryo)

Umwana yibwe ari uruyoya mu bitaro bimwe vyo mu ntara ya Florida muri Amerika yatowe akiri muzima inyuma y'imyaka 18 mu ntara ya South Caroline.

Kamiyah Mobley yibwe ari kumwe na nyina wiwe amaze amasaha 8 gusa avutse.

Umupfasoni yigize umuforoma yavuze ko uwo mwana agwaye ko yoba akeneye gusuzumwa kugira bamuvure.

Mu nyuma yaciye atoroka ajanye n'uwo mwana.

Umupfasoni yabana n'uwo mwana, Gloria Williams yafashwe inyuma y'aho igipolisi kimenyeye iyo nkuru.

Umuryango w'uwo mwana yamenyeshejwe iyo nkuru ko bamutoye inyuma y'amatohoza yo kumenya uwo ari we.