Isekeza ryo gufuta ObamaCare ryatanguye muri Amerika

Abashingamateka b'abarepublicain batanguye isekeza ryo guhagarika kuvura abantu ku buntu ryari ryashizweho na prezida Obama
Image caption Abashingamateka b'abarepublicain batanguye isekeza ryo guhagarika kuvura abantu ku buntu ryari ryashizweho na prezida Obama

Abashingamateka bo muri Amerika, benshi baserukira umugambwe w'abarepublicain, batoye ingingo ibafasha gutangura guhindura itegeko ryerekeye amagara y'abantu rizwi kw'izina rya Obama Care, yari yatangujwe na prezida Obama.

Inama nshingamateka kandi bemeje iyo ngingo izotuma hakenerwa umugwi utangura kwandika iryo tegeko bushasha.

Ariko bamwe mu bakenguzamateka ntibashigikiye iyo ngingo, bavuga ko bikwiye ko habaho itegeko ririsubirira imbere y'uko hafutwa ObamaCare.

Trump vyitezwe ko ashikirizwa ubutegetsi mu ndwi iza, yashimagije abo bakenguzamateka, aca yandika kuri Twitter, "ObamaCare izohambwa mu mva yo kuyibagira ubu vuba"