John Kerry yagiye aho yiciye umuntu muri Vietnam

John Kerry ari mu karere yagwaniyemwo intambara ya Vietnam Uwufise ububasha kw’isanamu AFP / Getty Images
Image caption John Kerry ari mu karere yagwaniyemwo intambara ya Vietnam

Umushikiranganji w'imigenderanire ya Amerika John Kerry, yatemberereye akarere akarere kamwe muri Vietnamm aho yagizweko igitero mu gihe c'intambara n'ico gihugu.

Kerry yari umusirikare agwanira mu mazi ico gihe, yahuye n'umusirikare wa kera wa Vietnam afise imyaka 70 yibuka ico gitero co mu 1969.

Abo bagabo babiri bahanye amaboko mu kuramukanya.

Kerry ubu ari muri Vietnam mu rugendo rwiwe rwa nyuma imbere y'uko ava mu bushikiranganji arongoye, yarahawe ikidari kubera ingene yagwanye mu ntambara.

Kerry yabwiye uwo bari bahanganye ico gihe Vo Ban Tam, ko binezereje kuba bose bagihema.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption John Kerry ( i bubamfu) ariko aravugana n'uwahoze ari umugwanyi muri Vietnam, Vo Ban Tam (uwa kabiri mu buryo)

Tam ubu akora akazi ko kurima, yavuze ko azi umuntu Kerry yishe kandi ko yibuka amayeri bakoresheje mu kugira igitero ku meli ya Amerika.

Kerry ico gihe yari afise imyaka 26, yarahawe agashimwe inyuma yaho atabariye abasirikare bari kumwe mu kwica umuntu yari yateguye gutera rokete ubwato barimwo.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption John Kerry ariko arakoresha ikarata mu kurondera akarere ico gitero cabereyemwo
Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption John Kerry ari kumwe n'umuhinga muvyo akahise Edward Miller