Barrow agiye kuba aragumye mu gihugu ca Senegal

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Prezida wa Senegal yemeye kwakira Barrow imbere y'uko arahizwa kw'itariki 19 ukwezi kwa mbere mu 2017

Inkuru ziva mu gihugu ca Senegal zivuga ko Adama Barrow agiye kuguma mu gihugu ca Senegal gushika umusi wo gushikirizwa ubutegetsi, muri iki gihe igihugu ca Gambia kiri mu matati.

Itororokanirizo ry'amakuru ryo muri Senegal rivuga ko prezida w'ico gihugu Macky Sall, yemeye kwakira Barrow ku mugwa mukuru wa Senegal, i Dakar, gushika igihe azoshikirizwa ubutegetsi itariki 19 z'uku kwezi.

Prezida wa Mali yasavye Yahya Jammeh kuva ku butegetsi muri Gambia kugira amaraso ntaseseke muri ico gihugu.

Avugira munama yahuje Afrika n’Ubufaransa I Bamako, Ibrahim Keita yasavye “ko hokoreshwa ubwitonzi bwamye buranga Afrika”.

Image caption Ku misi wa kane ni ho bitegekanijwe ko Jammeh (i buryo) abisa ku butegetsi Barrow (i bubamfu) muri Gambia

Adama Barrow, yatsinze Jammeh mu matora y’umukuru w’igihugu yo mu kwezi guheze, yari muri iyo nama kandi ahamagarwa nk’umukuru w’igihugu.

Ishirahamwe ryo mu burengero bwa Afrika, ECOWAS, risaba Onu kwemeza ko haba inteko za gisirikare zija kumukura ku butegetsi mu gihe hatoba ibisikanya ku butegetsi ku musi wa kane.

Ryaragerageje incuro nyinshi kugondoza uwo mukuru w’igihugu amaze igihe kirekire ku butegetsi kubuvako kugushaka, mu gihe hari ubwoba ko hashobora kuba igitigiri c’umurengera wimpunzi.

Ibihumbi n’ibihumbi vy’abanye Gambia, cane cane abakenyezi n’abana, baramaze kujabuka urubibe bahana na Senegal na Gunee Bissau, aho batakwa nimpapuro zo kwinjira muri ivyo bihugu, nk’uko bivugwa n’abategetsi.

“Turiko turashira hamwe utwigoro. Twumvikanye twese kwakira prezida Barrow ngaha, twemera twese, hanyuma itariki 19, ndizeye ko ubwitonzi bwamye buranga Afrika mwenewacu Yahya Jammeh azobukoresha,” ni ko Keita yavuze.

Image caption Barrow (i bubamfu) na Jammeh (hagati) baragiriraniye ibiganiro na prezida Buhari wa Nigeria mu ndwi iheze

Prezida w’Ubufaransa Francois Hollande, yabonanye na Barrow muri iyo nama, yavuze ko ivyavuye mu matora muri Gambia bitegerezwa kwubahirizwa.

“Mwabonye ko prezida yatowe yahawe ikaze muri iyi nama kandi hategerezwa gukora igikenewe cose kugira ku wa 18 ukwezi kwa mbere ca nke ku wa 19, atangure akazi kiwe gashasha nk’umukuru w’igihugu,2 ni ko yavuze.

Imbere y’uko iyo nama itangura, prezida wa Nigeria yaragiye ku mugwa mukuru wa Gambia, I Banjul, kugerageza kurondera umwumvikano ariko Jammeh biboneka ko adashaka kuva ku butegetsi.

Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika rivuga ko ritazoba ricemera Jammeh nk’umukuru w’igihugu, inyuma y’ikiringo ciwe ku musi wa kane.

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Prezida Jammeh yaranse kwemera ko yatsinzwe mu matora yo mu kwezi guheze

Jammeh ubwa mbere yari yemeye ko yatsinzwe yituye ibwirizwa shingiro avuga ko amatora yabayemwo amahinyu ariko igitigiri gito c’abacamanza catumye urwo rubanza rutaburanishwa gushika mu kwezi kwa gatanu.

Avuga ko atazova ku butegetsi gushika ico gihe kandi abamuburanira bariko barasaba sentare guhagarika irahizwa rya Barrow.

Uwo mukuru w’igihugu w’imyaka 51 yafashe ubutegetsi ku nguvu mu 1994, akaba aguma yagirizwa guhonyanga agateka ka zina muntu, n’aho atigeze ahengeshanya gukoresha amatora.