Korea y'epfo ishaka guhagarika umukuru wa Samsung

Lee Jae-yong ni we arongoye Samsung vy'imfatakibanza kuva se wiwe agwaye mu 2014 Uwufise ububasha kw’isanamu GETTY IMAGES
Image caption Lee Jae-yong ni we arongoye Samsung vy'imfatakibanza kuva se wiwe agwaye mu 2014

Umushikirizamanza mukuru muri Korea y’epfo yasavye sentare umutahe wo guhagarika umukuru w’ishirahamwe Samsung yagirizwa igiturire.

Umuvugizi w’ibiro vy’umushikirizamanza Lee Kyu-chul yavuze ko Lee Jae-yong yahaye amahera arenga amadolali imiliyoni 35 ku mashirahamwe ashigikiwe na Choi Soon-sil, umugenzi wa prezida Park Geun-hye.

Uwo mushikirizamanza avuga ko ayo mahera yari agenewe gusaba ugushigikirwa mu mugambi wo gushira hamwe amashirahamwe abiri afitaniye ubucuti na Samsung.

Lee yahakanye ivyo bivugwa.

Gushika ubu Samsung nta na kimwe baravuga.

Lee azwi kw’izina rya Jay Y Lee, yahaswe ibibazo amasaha arenga 20 n’ abashikirizamanza mu gisagara ca Seoul mu ndwi iheze.

Ubu ni icegera c’ishirahamwe rya Samsung Electronics, ariko kuva se wiwe, Lee Kun-hee, afatiwe n’ingwara y’umutima mu 2014, abonwa nk’umukuru w’iryo shirahamwe.

Ivyo biturire bishobora gutuma umupfasoni Park, yabaye arahagaritswe ku kazi vy’agateganyo mu gihe sentare nkuru igikora amatohoza ibimuvugwako, ava ku butegetsi.