Indege ya Turkia yakorokeye ku nzu muri Kyrgystan

Inzu 15 ni zo zononywe n'iyo ndege Uwufise ububasha kw’isanamu REUTERS
Image caption Inzu 15 ni zo zononywe n'iyo ndege

Abantu barenga 32 bapfuye inyuma y’aho indege itwara imizigo ya Turkia, yava Hong Kong, ikorokeye ku bantu hagufi y’igisagara ca Bishkek muri Kyrgystan.

Abapfuye benshi n’abari hasi, nk’uko bivugwa n’abategetsi.

Iyo ndege yo mu bwoko bwa Boeing 747 yakorokeye hagufi y’ikibuga c’indege ca Manas, ku birometero 25 uvuye ku mugwa mukuru Bishkek, nk’uko bimenyeshwa na reta ya Kyrgystan.

Uwufise ububasha kw’isanamu REUTERS
Image caption Abategetsi bavuga ko icateye iryo sanganya kitaramenyekana

Inzu zirenga 15 zononekaye, kandi bivugwa ko abana benshi bari muri abo bapfuye.

Vyari bitegekanijwe ko iyo ndege ihagarara akanya gato I Manas hanyuma igaca ibandanya urugendo igana Istanbul muri Turikia.

Iyo ndege yari iyo ishirahamwe ritwatwara imizigo rya ACT, kw’izina yitwa MyCargo.

Abategetsi bavuga ko icatumye iryo sanganya riba kitaramenyekana.

Uwufise ububasha kw’isanamu REUTERS
Image caption Hariho igipfungu n'imbeho nyinshi