Trump: Merkel yagize ikosa kwakira abimukira

Ifoto ya Donald Trump yicaye ku meza akorerako ariko aratanga ikiganiro mu kinyamakuru The Times Uwufise ububasha kw’isanamu The Times

Prezida wa Amerika aheruka gutorwa Donald Trump yavuze ko umushikiranganji wa mbere w'Ubudagi Angela Merkel yakoze "ikosa rikomeye" mu kwakira abimukira barenga umuliyoni.

Yavuze ko umupfasoni Merkel ari umutegetsi akomeye i Buraya, ko ishirahamwe ry'ubumwe bwa Buraya butwarwa n'Ubudagi.

Trump yariko aramenyesha ido n'ido ya politike y'imigenderanire mu kiganiro n'ibimenyeshamakuru vy'Ubwongereza n'Ubudagi.

Yabwiye the Times na Bild ko ashaka ko haba urudandaza atawe ruhutaza no kugira imbibe zicungerewe neza.

Yavuze ko Amerika itegerezwa gutorera inyishu ikibazo c'ubudandaji n'ibindi bihugu vyo kw'isi, na cane cane Ubushinwa.

Uwufise ububasha kw’isanamu The Times
Image caption Trump yagiranye ikiganiro n'uwahoze ari umushikiranganji wubutungane mu Bwongereza ku ruhande rwa Times hamwe na Kai Diekmann ku ruhande rwa Bild

Ico kiganiro cagirishijwe n'umushingamateka w'Ubwongereza Michael Gove ku ruhande rwa Times, yagize uruhara cane mubasaba ko Ubwongereza buva muri EU, afise n'aho ashikiririza ivyiyumviro muri ico kinyamakuru.

Ifoto ya Gove ariko araramukanya na Trump mu nyubakwa ya Trump Tower, aho babonaniye, yarakwiragijwe ku rubuga rwa Twitter.

Abajijwe nimba yiteguye kugirana amasezerano n'Uburusiya, Trump yavuze ibiraba ibigwanisho vy'ubumara ari kimwe muvyo bateganya kuvugana mu kubigabanya, hanyuma na bo bakabakurako ibihano.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Trump yavuze ko igitigiri kinini c'abimukira i Buraya - nk'aba b'i Calais kuri iyi foto mu mwaka uheze - bateye ishavu ryinshi abanyaburaya

Kubiraba uburasirazuba bwo hagati, yanebaguye iterwa rya Irak mu 2003, avuga ko ari ikosa rikomeye rya mbere ryoba ryarakozwe na Amerika, yongera avuga ko hari kuronderwa uturere tutarangwamwo intambara muri Syria kandi ko ibihugu bicuditse na Amerika muri ako karere ari vyo vyari kubiriha.

Mu biganiro bitandukanye muri Washington Post, Trump yavuze ko yimirije gusubiriza umugambi w'amagara y'abantu wa Obama n'uwundi wa Care Act.