MH370: Ibikorwa vyo kurondera indege ya kompanyi ya Malaysia vyahagaritswe

Ababuriye ababo muri Malaysia Airlines Flight MH370 bafatanye amaboko mw'ihoteli ya Gassy Country House Hotel, i Antananarivo, Madagascar, itariki 4 ukwezi kwa 12 mu 2016; Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Ababuriye ababo mu ndege MH370 bipfuza ko igikorwa co kuyirondera kibandanya no mu bindi bice

Ababuriye ababo mu ndege ya MH 370 bashavujwe n'ingingo yo guhagarika kurondera ibisigarira vy'iyo ndege.

Mw'itangazo rya Australia, Malaysia n'Ubushinwa, bavuga ko iyo ngingo yafashwe "itanejereje" inyuma yo kurondera kku birometero 120.000 mw'ibahari indiana.

Imiryango y'ababuriye ababo muri iyo ndege bavuga ko iyo ngingo ititondewe itegerezwa gusubirwamwo.

Uwufise ububasha kw’isanamu Blaine Alan Gibson
Image caption Igipande gishobora kuba ari ico iyo ndege kure cane muri Madagascar

Indege ya MH370 yagize isanganya iri mu nzira igana i Beijing ivuye i Kuala Lumpur mu 2014.

Kuva ico gihe ibipande 20 vy'iyo ndege ni vyo bimaze gutorwa biboneka ko vyari ivya Boeing 777