Umupasitori yabuye urupfu rwa Mugabwe yafashwe muri Zimbabwe

Prezida Mugabe ariko arashikiriza ijambo mu kwezi kwa kabiri itariki 27 mu 2016 Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/Getty Images
Image caption Mugabe ari ku butegetsi muri Zimbabwe kuva mu 1980

Igipolisi muri Zimbabwe cahagaritse congera kirapfunga umumenyeshamana yabuye ko prezida Mugabe azopfa mu kwezi kwa cumi muri uyu mwaka.

Pasitori Patrick Mugadza yahagaritswe ari muri sentare ku mugwa mukuru i Harare ku musi wa mbere, aho yari yitavye urundi rubanza, nk'uko uwumuburanira Gift Mtisi yabibwiye abamenyeshamakuru.

Yariko araburanishwa mu rubanza yagirizwa kwambara ibendera ry'igihugu.

"Yari yaje muri sentare kuburana urwo rubanza igihe igipolisi camufata mu gihe c'akaruhuko, baca baramwitwarira azira izo mburi ziwe," ni ko Mtisi yabwiye AFP.

"Yarigeze gushikanwa imbere y'ubutungane yagirizwa kwutubaha urwego rw'umukuru w'igihugu, ariko ikirego ziza guhindurwa bavuga ko yatutse abantu bo mu bwoko canke b'irindi dini."

Pasitori Mugadza akorera mu gisagara ca Kariba mu buraruko bw'ico gihugu, yaragirishije ikiganiro n'abamenyeshamakuru mu ndwi iheze, aho yavugiye ko Mugabe azopfa mu kwezi kw'icumi uyu mwaka.

Gukinisha izina rya prezida Mugabe canke kubura ibimwerekeye ni ikintu kitarekuwe na gato muri Zimbabwe.

Muri ico gihugu hariho itegeko ribuza "gucapfuza canke gutuka prezida."

Mu mwaka wa 2015, Mugadza yarafashwe arapfungwa hafi ukwezi kumwe azira kwihereza ibarabara afise icapa canditseko ubutumwa bubwira Mugabe ko abantu bafashwe nabi cane ku ntwaro yabo.

Image caption Imyiyerekano yo kwiyamiriza ubutegetsi bwa prezida Mugabe muri Zimbabwe

Prezida Mugabe ari ku butegetsi kuva mu 1980.

Haguma hari ibihuha ku magara yiwe, kandi rimwe na rimwe ahora aja mu ngendo ku mugabane wa Asia kwivuza.

Mu mpera z'umwaka uheze, abanyagihugu hamwe n'imigambwe itavuga rumwe na reta baragize imyiyerekano yo kwiyamiriza ubutegetsi bwiwe.