Abashikiranganji batatu batanze imihoho muri Gambia

Yahya Jammeh Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Yahya Jammeh

Abashikiranganji batatu muri Gambia batanze imihoho mu gihe Yahya Jammeh aguma yica amatwi, adashaka kuva ku butegetsi ikiringo ciwe kirangiye ku musi wa kane.

Abashikiranganji b'imigenderanire n'amakungu, uwo ikigega ca reta hamwe n'uwo ubudandaji batanze imihoho nk'uko bimenyeshwa n'urubuga ngurukanabumenyi rwa Fatu.

Mu ndwi iheze, umushikiranganji wo kumenyesha amakuru Sheriff Bojang na Alieu Jammeh w'inkino baratanze imihoho.

Abantu ibihumbi n'ibihumbi bariko barahungira mu gihugu kibanyi ca Senegal na Guinee Bissau, kubera ubwoba ko hashobora kwaduka intambara, kubera ingingo ya prezida Jammeh yo kwanka ivyavuye mu matora y'umukuru w'igihugu yabaye mu kwezi kwa cumi na kabiri mu mwaka uheze.

Umugwizatunga Adama Barrow ubu ari mu gihugu ca Senegal yavuze ko ategerezwa kwimikwa.

Barrow yatsinze mu matora y'umukuru w'igihugu prezida Jammeh yagiye ku butegetsi mu 1994 akoresheje inguvu.